IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libiya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

Libiya : Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho

lundi 14 Ndamukiza 2014

Umushikirangaji wa mbere wo mu gihugu ca Libiya Abdallah al-Theni, yari yemejwe n’inama nshingamateka kuwa 8 Ndamukiza, yaraye atanze imihoho. Iyo ngingo ikaba yayifashe inyuma y’igitero cari kimugamije.

Mw’itangazo yashikirije inama nshingamateka, Abdallah al-Theni amenyesha ko azoba araguma vy’imfatakibanza mu mabanga yiwe gushika hagenwe umukuru mushasha wa Reta.
Yamenyesheje ko atanze imihoho abitewe n’igitero cari kimugamije n’umuryango wiwe. Aremeza ko ico gitero c’abitwaje ibirwanisho cateye ubwoba ababa mu micungararo yaho cabereye.

JPEG - 10.5 ko
Abdallah al-Theni

N’aho biri uko, uwo mushikirangaji nta vyinshi yavuze kuri ico gitero, ariko inkuru iva mu biro iwe, imenyesha ko cagizwe n’umugwi witwaje ibirwanisho. Kikiba cabereye kw’ibarabara rija ku kibuga c’indege, ariko ntawe cahitanye.

Twobibutsa ko abashingamateka bamwe bamwe bemeza ko itorwa rwiwe ritari ryemewe n’amategeko. Yatowe n’abashingamateka 42 kuri 76 bari bahari, kandi urwo rwego rukaba rugizwe n’abagera ku 200.


Isabelle Simbarakiye

Messages

  • Jewe ndabon’uwo mugabo emwe ntavyiwe kuko sinseruka rukamvye ntahataniye na Al.SNDUHIJE yatay’abantu mumvuto none agac’ayanyaga none yiraramiye aho hakurya muri Hollandais kand’abobagabo rarahenzwe n’abazungu ngo bice KADAFI bazorinda dapfa batarons’amahoro co kimwe n’Abahima bakereye NYENICUBAHIRI INCUNGU YA Démocratie MELCHIOR NDADAYE none nitumwe n’uko yabavumye akababwir’at’ayamaraso yanje azobahumire mwe n’imiryango yanyu n’ubu bapfuye barota guses’amaraso kandi babona neeeeza yukw’ataho bizoshikan’IGIHUGU (UMANIK’AGATU WICAYE MUKUKAMANURA UGAHAGURUKA)

  • Ivy,Isi biratangaje none ko atinye kuba umushikiranganji wambere bishe Gaddafi agomba kuzobiki?Canke bobabikoze bagomba kuza bama babona amaraso aseseka gusa,none hagomba haseseke ayiwe arataye aromotse ahubwo ntimureke abana ba Gaddafi babafashe gutwara igihugu se wiwe mumugire icungu y,igihugu ndetse musabe n,afrika imugire icungu y,Afrika yari umugabo nico yazize nanyu mukurikira iyo mihimbiri yabazungu.Mutabikoze uko muracapfa mubure ivyicaro mwashaka.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.