Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Libye:Urupfu rwa Mokhtar Belmokhtar ruracarimwo amakenga
 Libye:Urupfu rwa Mokhtar Belmokhtar ruracarimwo amakenga
 Libye:Urupfu rwa Mokhtar Belmokhtar ruracarimwo amakenga
				
				lundi 15 Ruheshi 2015
Reta ya Libiya yemewe n’amakungu yamenyesheje ko Mokhtar Bemokhtar yishwe mu gitero c’indege z’abanyamerika.Reta Zunze Ubumwe za Amerika ntiziremeza ayo makuru gushika ubu.
Mokhtar Belmokhtar afise ubwenegihugu bwa Algerie,ni umukuru w’abagira iterabwoba mu gihugu ca Libiya.Amakuru ava muri Libiya ku ruhande rwa Reta yemewe n’amakungu,avuga ko Mokhtar yapfuye ahitanwe n’ibitero vy’abanyamerika mw’ijoro ryo kuwa gatandatu rishira kuw’Imana.
Amakenga ni menshi kuri uro rupfu,kuko umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika colonel Steve Warren,abicishije mw’itangazo,yavuze ko bakibandanya kuraba uko igitero cagenze,hanyuma batange umuco.
Muri Reta ya Libiya yemewe n’amakungu,babicishije ku buhinga ngurukanabumenyi bwa Facebook yabo,baremeza ayo makuru,bakavuga ko Mokhtar yapfuye ari kumwe n’abandi bava mu gihugu ca Libiya bari mu murwi w’iterabwoba.

Messages
15 Ruheshi 2015, 19:55, par Bosco
Emwe Daimoni Ntipfa Ahoho Hapfuyundi Azir Uburape Ya Bosco
16 Ruheshi 2015, 11:04, par X
aaaa!