Lolilo na Black-G baridogerwa na Jojo Paparazi
Yanditswe taliki ya 3-04-2013 - isaha 09:21'

Mumpera z’indwi iheze umumenyeshamakuru Jojo Paparazi yari yateguye ibiteramo mu ntara ya cibitoke, ivyo biteramo yari yavuganye n’abaririmvyi batandukanye ko bazovyitaba, mu kuvyitabira baramwemerera mbere barabimenyekanisha kumaradiyo nokubicapo bamanika kumabarabara ,murabo baririmvyi harimwo Lolilo na Black-G.

Ubu rero icuka cabaye kibi hagati ya Jojo paparazi n’abo baririmvyi kuko bamuhemukiye ntibubahiriza amasezerano bari bagiranye.

Jojo paparazzi avugako bari bumvikanye ko bazoririmba ahantu hatatu nkuko yari yateguye ko hose abaririmvyi yari yaduganye muri iyo ntara bazokwitaba ivyo biteramo.

Lolilo na Black-G batanguye kutumvikana na Jojo Paparazi bakigera muri iyo ntara kuko bavuga ko Jojo ategerezwa kumenya ko ari umwana kuribo akabareka bagatunganya ibikorwa vyari bisigaye vyivyo biteramo.

Jojo abandanya avuga ko Lolilo na Black-G baririmvye ahantu habiri baca barigira ariko amakuru dukura mubari murivyo biteramo bavugako Lolilo ata kunzwe nagato muri iyo ntara kuko ivyo yakora vyose vyaboneka ko abikora atabishaka n’ikindi catumye bamwanka nukuntu yatanguye gukubita Jojo Paparazi.

Aba baririmvyi bavugako Jojo ariwe yabahemukiye kuko atabashoboye gushitsa amasezerano ngo bobo ntibari bazi ko bazoririmbira ahantu hatatu,iyo wumvirije bose wumva bariko baratanako amakosa umwe wese kuruhande rwiwe.

Nyene Hozanah place aho bashaka kuririmbira ubwanyuma avuga ko yagaye cane uko bitwaye imbere y’abantu kuko kubantu naho umuntu atakwiyubahiriza arubahiriza abandi .

Ivyiyumviro vyanyu

Ndi Aimable Numva Bosaban Imbabaz Mukayanza.

20.10.2014 à 22:33
Aimable

none jojo yariyateguye amafranga angahe kugira abajane kuririmba ahohantu hatatu hose konzi umuririvyi aririmba aruko azi amahera ahabwa hoho bari bayazi mbona yuko bose bari basepereye biz kauoka bizohera

31.07.2014 à 12:50
akingabiye bonfils

Jojo Wewewadukoreyamakosacane.Watanguyegutozamaherawabonyekobatazakuririmba !Twetwaragushavuriye Turakubabarira Nawerero Nubababarire.Kandi Wewe Ntutangimbabazi !Urazikonanjetwapfuye Akantugato Nkagusabimbabazi Ukambwirangurambabariye Mugabokugezanubuntituvugana.Nguterefonyentiwitaba Nawekukumanantuzuzobabarigwa Utababarirabandi.

13.07.2014 à 19:12
Muzungu Le’once

None.Jojo,icatumyemwankananigiki ?Nonewewebagukubisebaguhoriki ?

30.04.2014 à 11:29
Victory

Abaririmyi buburundi batanako inzaran.nibakundane

18.04.2013 à 17:27
Remy

ivyo ni ibintu bigayitse ku muririmvyi wese kandi uwogira ikosa uwariwe wese nibaza ko bo discuta apres bagashaka bakagwana ni inguvu zabo ariko ntibabigirire imbere ya public

3.04.2013 à 14:01
kiki toure

ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.