IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Louis Michel :Ubumwe bwa Buraya bwanse gupfunga amaso ku bibera mu (...)

Louis Michel :Ubumwe bwa Buraya bwanse gupfunga amaso ku bibera mu Burundi

jeudi 11 Ruheshi 2015

Ikibazo c’ingorane za poritike mu Burundi kimaze iminsi kuva aho havugiwe ukwitoza ubugira gatatu kwa Petero Nkurunziza, kiri mu vyagarutsweko, n’umushingamateka w’Ububirigi, Louis Michel.

Umushingamateka Louis Michel wo mu gihugu c’Ububirigi, akaba yavuze ko badashobora gupfunga amaso, mu gihe hari ingorane mu Burundi, hamwe n’ubwicanyi bubandanya buba. Uwo mushingamateka akaba asaba ko amaradiyo yaturiwe n’abamenyeshamakuru barara ntibuca basubira ku mirimo, abanyeporitike bahunze igihugu bagahunguka, igitsure ku mashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike kigahagarara, abapfunzwe ku mvo za poritike bakarekurwa, co kimwe no kureka guhohotera abagira imyiyerekano.

Louis Michel rero akaba yashikirije ko mu mwaka w’2001 yari yaserukiye ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya mu masezerano y’i Arusha, amasezerano yatumye amahoro aboneka mu gihugu. Ku bwiwe , ingingo ya Petero Nkurunziza umukuru w’igihugu yo gusubira kwitoza, inyuranye n’ayo masezerano. Abandanya avuga ko, hamwe ayo matora yoba, azoba anyuranye n’amategeko, asaba ko atokwemerwa n’Ubumwe bwa Buraya. Nayo ababandanya guhohotera abagira imyiyerekano, n’ababifisemwo uruhara, asaba Ubumwe bwa Buraya ko bwokwugarirayo ubutunzi bwose bafise mu mabanki, n’ukubakurikirana mu masentare mpuzamakungu.

Uwo mushingamateka kandi, akaba anegura, kubona ukuri ku bishe umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga Zedi Feruzi, kutarigera kuja ahabona, kugira abamugandaguye bafatwe, bahanwe.

Kurikira amajwi ya Louis Michel, tuyakesha ubuhinga bwa none wa youtube


IGIHE

Messages

  • Mbegayemwe,ko ahanurwa ntiyumve ubwoga wamana we ntiwokwigaragaza?ngoturuhuke,turarushemana.

  • Ego nabo nibadufash. turashma ko ataco mudakora. nibugaran ubwo butunz niho bazobona ko natwe turabantu

  • Mbabazwanivyo amakungu agumavugakuburundi ariko ntibijemungiro muntumberoyogutorumutikungoraneturimwo.barundi,barundikazi ncutiz’uburundi dufatanemunda tugwaniragatekakacutwikurekwintwarozagahotoro!mazetujemwiterambereriraMbabazwanivyo amakungu agumavugakuburundi ariko ntibijemungiro muntumberoyogutorumutikungoraneturimwo.barundi,barundikazi ncutiz’uburundi dufatanemunda tugwaniragatekakacutwikurekwintwarozagahotoro!mazetujemwiterambererirama.

  • Ahubwo,yobumugabo Aje,agatabara Abarundi Ehebaheze Kugumatwi,cwanivyovy.

  • Abo Babirigi Bibazako Uburundi Bugitwarirwa Mububirigi?Bazotangara!

  • None Gayemwe,n,ubu Ntarota Asubiza Hasi?Mpaka Abantu Bahone? Nabandanye Ariko Yibuke Ko Abishe Se Batamugiriye Neza.Aho Nawenyene Ariko Arakwegera Uruvyaro Gwiwe.Uyomuzungu Ko Amasezerano Y,iarusha Ariho Yari Yibereye,agomba Tumugire Gute?

  • Louis Abona Hokarwa Iki Ko Umukuru Wigihugu Yanse Guheba

  • ngira nkurunziza arateba yumve mugabo umengo amatwi yumvimpanuro yarazibiye! Etas-unie UE UNION AFRICAINE ONU abarundi ndetse nakarere barahanuye ariko ntiyumva. ndagushimiye michel kowewe urengejek kugara amahera bafis hanze hamw nokubakubita intahe mpuzamakungu mugahanga hamwe nuko amatora atazokwemegwa mugihe atumvikanyweko zambonerakure atakindi kiziraje ishinga atarukumara abatavugarumwe nabo ntimwibagire kubarengutse ilahe nabonyene

  • YOOO! UYUMUGABO ASHAKA KO AZO NIRWA NAMAKUNGU NONE ARINDIRIYE IKI? KATAREKURA.BURYA BACA UMUGANI MUKIRUNDI ATI KANANIRA ABAGABO NTIYIMWE.TUJE MUGUPIMA MUNTU WESE ASHIGIKIYE NKURUNZIZA AZE DUPINGE KU EWE NAWE KUBWANJE NI JEWE BUCA NTSINDA NKURUNZIZA BUCA ATANGA IMIHOHO.

  • LOUIS MICHEL NIMVUGAKURI PE!HARI HAKENEWE ABASHINTAHE NKABO KW’ISI YAVUGIY KURWEGO RWA BURAYA ESE N’AMERIKA YOGIRA IKISHIKIRIJE KU BURUNDI GISA NKICO NKEKA BOKWISUBIRAKO.IMANA NITABARE UBURUNDI

  • LOUIS MICHEL AVUZ AHUBWO AMAZI YARENZINKOMBE MUGABO NUKWIVUGIRA NIBAZE ATEGETSI BUBURUNDI UBWO NYE BOKWEMERA KWA MA RADIO YIGENGA YO MUBURUNDI AKORA?MUZOBA MUMBWIRA!

  • UBURUNDI BWARIKUKIYE NTIBUGENDERA UBURUNDI BWARIKUKIYE NTIBUGENDERA KUGITSURE.

  • Kubamubona Ibiberamu Burundi Mukabivuga Ntimubishire Mungiro Kandi Abarundi Arimwebwebateze Amaso Birababaje Ese Komwakuyeko Sadamu Wa Irake Na kadafi Wa Libiya Amahoro Akaboneka Nkurunziza Ntimwokuraho Abarundi Bakaronka Amahoro Hako Mwoguma Mubiganiro Bidahera?

  • NONE GAYEMYE UBUBILIGI BUDUHIGA KWIKI?INFASHANYO YABO KO BAYIGUMIJE NE BARACATURONDERA KWIKI?BASE KUYIHA ABATEGURA AMATORA BAYIHA ABAYIGURA URUMOGI NINDI BIYAYURA IMITWE EHO NO BATINGIYE GUCIKABASAZI.NE BARAKENYE UKOBAMYE ABE ARIKO BAGUMA MUKUDUTOBERA UMUTEKANO.AHUBWO NA AMBASADE YABO NIBUGARE TUVANEKO BATUVEKO

  • Nibahaguruke bafate ingingo zihuta amazi atararenga inkombe,bive muri théorie bije muri pratique

  • GIRA ICO MUKOZE. MUREKE AKARIMI GUSA.

  • Ntihabura abazishinga abanyaburaya bagasanga barasezeye muri poritike mbe amatora yiburundi yemezwa naburaya mbeho katawiwabo arahamagagwa irahe ntavyaha bakora?

  • ARIKO GA YEMWE PITA N’ABOBANTU BIWE BAGOMBA MPAKA BEMERE BIBONEYEKO!!! KO ABOBATAVUGA RUMWE BADADAJE NA PITA AKABA AGOMBA KWEREKANA KWAFISE INGUVU NYISHI ZO KUBANYARA, BAZOSHIKA KUKI???KOMBONA AMAKUNGU YAHAGURUTSE!! PITA YOBEGWA ABIWE BATIKIYE!!!

  • Bigiy gukara bugar ubutunzi bwabategets biburundi . Ntaco natwe OBR iyagarur itoz ikori ryinshi duc turaba rero abo banyagihugu yuko ataribo babara . yooo ukuri nigutsind ikinyoma hama umuntu umwe gusa akure meza cndd fdd dutor uwundi abishoboy nukuri turek gukunda hama turenz pota uko na psa ubu agahuzu akarato inzu ivyo ntiwovyigurira non reka nukuri ndagusavy nyakubahwa

  • Ababirigi Baratsinzwe Nibatuveko.

  • Abo bazungu bo turamaze kubahinyura, nta kintu ciza bazokwigera bifuriza ibihugu vyacu vy’abirabure atari kuducanishamwo no kutwononera.

    Abadafise ubgenge nibakomeze babemere.

  • Bantub’Imana, muriyumviye abaduteza ingorane abaribo niyobazanana, murumviseko ababaturira abantu ba bona ahokubiyamiriza aravugiye ngobubahirizwe, abaturira amamodoka yabigiriye mudukorwa dutandukanye arabasabiye ngobubahirizwe, abazibiramabarabara ubuzima bugahagarara mumicungararo yahohantu arabashigikiye. Nizereko abamabaharirako hatariho abazungu bitambitse muvyuburundi kinywa.

  • none kuwomushamateka Avugirira Uruhanderumwe Kumbe Mumakungu Barateranya Kugira Abarundi Bamarane.Ahanuye Ahubwo.

  • Mubwire Weho Ngira Yovyumva Ariko Tuzoba Tubona.

  • Nivyo kabisa gira ico mukora,tugeze habi cane. Ugize ngo agira ico avuga caca yicwa.twasubiye inyuma muroi democratie imyaka irenga 50.birarababaje

  • Ariko Yarakwiye Kumvira Abamuhanura.Kuko Kananiye Abagabo Ntiyimye!

  • Uwo Numusazi Adutegeka Ukuntu Dukwiye Kumera Nyene Nagabe Ivy’iburaya Erega Twarikukiye.Babona Ubwenge President Wacu Akoresha Bagaca Bagomba Kumwanka Intwaro Yigitutsi Twarayisezereye Niyigikoroni.

  • UGIRA UGO N’URUKUNDO BADUFITIYE,IL Y AVAIT LOGTEMPS QUE NOUS AVIONS FAIT LE CONSTAT SON ACT N’EST JAMAIS DE NOUS FACILITER POUR CE NIBAREKE KWIVANGA MUGUTERANYA ABENE BURUNDI KUBER’IKI BAKUNDA GUKOKEZA HAMWE NO GUSAMBURA POURQUOI ON A UNE LAGUE DE VAPEUR,ARIKO BARAGOWE ABOBOSE BASHAKA UBUTUNZI BUCIYE MUMAJAMBO ASAMBURA MUGUSABIRA IBIHANO BIREMEREYE KUBATABISHOBOYE ARIKO ABO BAFISE IKIRINGO GITO KURIY’ISI. EWE BELGIQUE IVYOWAKOZE DANS LES ANNEES PASSEES BIRAHAGIJE UBUKENE NIBWABA BUKUREMBEJE NIWAKE IMFASHANYO MUMAHORO UREKE GUHITANA IBINDI BIHUGU!

  • aaah!!muburund?eka kwisi yose, nibagerageze ariko turabona ko atakintu cokuraho ibibazo biduhanze atari intwaro ya yezu christ

  • @Sindayigaya
    "Uwo Numusazi Adutegeka Ukuntu Dukwiye Kumera Nyene Nagabe Ivy’iburaya Erega Twarikukiye.Babona Ubwenge President Wacu Akoresha Bagaca Bagomba Kumwanka Intwaro Yigitutsi Twarayisezereye Niyigikoroni."
    Iyo muba mwokwihanganye mukamara n’umwaka umwe wonyene mutagiye kubambambira noshobora kukwumva! Uvuga ibigusiga wewe!

  • ABOHIRYANOHINO KWISI BARAKURIKIRANYE IBIBAZO VYU BURUNDI BARABONA AHOTWAMYE NAHOTUGEZE IMPANURO BARAZITANZE ARIKO MUTAMA PITA NTIYUMVA AMAKUNGUNAGIRE ICO AKOZE

  • urwanda.vyacitse.abazungubareba.nibave.kuburundi

  • ABOBAGABO BIBATERA UBWOBA NO MURWANDA BIGEZE BIHA KUTWIMA AMAHERA Y’AMATORA NGO TWAFUNZE UWITWA VICTOIRE AMATORA AHEZE BAYAGARUKANA TUTAKIYAKENEYE, IKINDI ABARUNDI NTIMUKIZERE KO IBISUBIZO BYIBIBAZO MUFITE BYAVA MUMAHANGA,MWEBWE UBWANYU MWIFITEMO UBUSHOBOZI BWO KWIKEMURIRA IBIBAZO. IVYANYU AMAKUNGU NTACYO BIYABWIYE KUKO IWABO HARATEKANYE ABANA BABO BARIKWIGA NEZA. NIMWUMVIKANE UBUZIMA BUKOMEZE,MUZAREBA UKUNTU BOSE BABAGARUKIRA BIRUKANKA.

  • Turasavye Twebwe Abanyagihugu Sentare Mpuzamakungu ifatepita Nkurunziza Kuko Arikwarahemukirigihugu Nimana Mugufata Amategeko ANyuranye Nibwirizwashingiro Nokugomorera Igiporisi Ngocice Abanyagihugu..

  • naho uvuze uko niwanyu murwanda samahero mwhende muhindure ibwirizwa shinga ryurwanda muzabona katarire twe gusa ubu nisi nzima

  • ikintu cish abahutu muburundi barankana gusumb uko bank abatutsi.mb aho mwikukiy gut mwa bigugu mw?mufis iki?ayo makungu iyo atabafasha mwopfuy muvuy8mwishamba?uwo kurumbi itariyo vraiment kirets amacakubir ninzigo yatumy atoteza ab basangiy imyumbati namagi yinyoni abarundi tumurindiyemwo iki?uwushaka umuhut amutuma uwundi ugira radjabu araryamy?ugir rwasa ni somambike?ingoran agomb gutwara vision atar rwiw?nind yiyumviriy CNDD?pita?ico kigugu?Nyangoma ar h?vs n’irez nul part sans lui.
    pita naw ab aritegurira gupfa nkimbwa ntaho yogereranywa na Khadafi cank sadam.cank yumv ubw busimbirahamw bwabadd akibaz ngo aracungew?aho ntiwoc ubweng?wararozw.?

  • Uwo mubiigi n’atware Belgique,nayo UBURUNDI n’ubwa benebwo. DIVISER POUR REGNER niwe yabizanye ,atera inzigo n’inzikira.ivyo Yigishije mu Rwanda,barabonye resultat yavyo en 1959 et en 1994. Mu BURUNDI yigisha le contraire n’ivyo ya foromye au Rwanda,et le resultat ;abarundi barabibonye aho vyadushikanye en 1965,1969,1972,1988,1991,et plus pire de 1993 a nos jours. Ubu kugira baronke iyindi breche,ba-monta de toutes pieces une opposition ngo y’aba hutus n’abatutsi,nk’uko bari baragize muri za CASABLANCA na MONRONVIA.Ni bahebe ,ntibazongera gutwara Uburundi, abo nabo babutongora bitwaza ibitaja ntibize;mbe Republika ya mbere,n’iya kabiri,n’iya gatatu mu Burundi,harura:Micombero 1966-1976,Bagaza 1976-1987,Buyoya I 1986-1993,cad 27 ans pour 3 freres,iyo yari democratie,ko Louis Michel na ba Beaudoin ko batigeze bavuga ko hari abacinyijwe?Pacifique Mbonimpa ngo avugira abarenganywa ko atarigera yasama ngo acishe mu kanwa barya bahutu boooose,bishwe mur’izo ntwaro zakurikiranye zose? Louis Michel yobanje gusabira indishi y’akababaro Uburundi kubera Prince Louis Rwagasore KUKO nibo batumye yicwa kimwe na Lumumba....Ni birebire....

  • ababirinikobamye kwavugakoyaserukukiye union europeen mubiganirovyi arusha!iyontambara itangurantiyaribwavuke?yakoyikikombonaru mutama ubuniho abonyekuvugirabarundi ?ivyabo twarabihinyuye!

  • NUKURI AMAKUNGU YODUFASHA IKIBAZO GIHANZE KUK NI KIMW BOBA BAKOZE KANDI IKINTU CAMBERE DUSHIMYE BUGARIYEYO UBUTUNZI BWA PETERO NKURUNZIZA N’ABAMUFASHA MU MUGAMBI UGAYITSE WO KUGANDAGURA ABO RUTAVUGARUMW ,AKICWA NINZARA NK’UKO ITWISHE... IMANA IMUHARIRE

  • NIVYO IYABA IVYAVUZWE NUWO MSHINGANTAHE VYOJA MUNGIRO UBUNYENE BANDAYIGENDAKO KUMBURE NABAMPEMAYUZUYE BOKWITORA IKOSA BAKAREKURA KUKO IVYOBATWAYE ABANYAGIHUGU BATAHIRIJ HIYO BIGAFATWA MAZE BOSE IRAHE

  • uyo muzungu namenye ivyiwabo kuko turazi ko ababirigi aribo badukoroneje ubutunzi uburundi bufise bifuza kubusahura biciye kurabo barwanya reta kavuga irahe abishe ndadaye ko batararengutswa irahe vyiza rero abazungu niba koko bashigiye amahoro boreka kwivanga muvyabarundi kuko hamwe amatora atoba ibizokurikira ababigi bazovyemange nibo btubohe maboko imugongo ngo nutwo twirondereye ngo nidufatwe nibagumane ivyabo bareke ivyacu

  • uwo numusazi uburundi ntibutwarigwa mu bubirigi kandi ni igihugu cikukiye

  • mbe!! mwibaz’uwo kal’umuzungu? uwo numututsi yimonoye alikuvugila benewabu ahubwo batebeje bibaza bafashe nkurunziza yuko intambara izohera ndakurahiy benewabu bazobe biteguy guhunga nahandi tuzobac’amazosi ubuho ntitugikangwa nizonyenz full stop.

  • Hanurwa wumve petero ibiriko biraba vyose ni manda yagatatu

  • mbe!! mwibaz’uwo kal’umuzungu? uwo numututsi yimonoye alikuvugila benewabu ahubwo batebeje bibaza bafashe nkurunziza yuko intambara izohera ndakurahiy benewabu bazobe biteguy guhunga nahandi tuzobac’amazosi ubuho ntitugikangwa nizonyenz full stop.

  • NDUMIWE KWERI! BURYA UWO MUZUNGU SI UMWUZUKURU WA rumariza? YIBAGIYE KO IBENDERA RYABO RYAMANUWE 1962? AMAHORO MWAHAYE IRAC,LIBYE.... TURAYABONA IMANA IZOBASHIMIRA.KURA NYABUNA URWO RWARUKA MWASIZE MWIBARABARA MURUSUBIZE KW’ISHURE RURONDERE KAZOZA KARWO.Merci

  • arabuze ivyavuga twebwe twarikukiye mutama nkurunziza nagume kwivora abarundi isinzi turi nyuma yiwe.

  • NIBAGIRE FATAKIBANZA NIMBAVYABANANIYE

  • Jewe ndavyihweje Peter na Gbagbo bameze co kimwe ntibumva kandi peter azorangiza nka Gbagbo kiretse Imana imivugiyemwo akarekura avant le 15 juillet.
    Reka ndababwire uko bizorangira. Peter nakagwi kiwe abo bazungu baramurindiriye gushika le 26 aout. Inyuma yaho we ninzegoo azoba yashizeho kunguvu akorsheje Ceni yabantu 3 au lieu de 5 ntibazoba bacemewe namategeko. Muri ico gihe amakungu azoshigikira umuntu wese azokura Peter. Kubera peter azoba aronderwa nubutungane mpuzamakungu kubera ubwicanyi buriko buraba, abamwegereye bazotangura kumuvako bose asigarane na ka karwi bazojana i La haye. Na ya pilice na za mbonerakure bazomwihakana bose bati uyoo Pita ntitumuzi kugira ntibabajaniranye. Hanyuma Peter ace atembagazwa, bamuyorere aho azoba yinyegeje nabandi bakeyi, abandi bafatirwe mu mahanga. Hazoca haba Leta mfatakibanza irongowe numu dd , ibintu vyose bisubire ku murongo munyuma habe amatora yabose, aba dd bace batsindwa kubera ukudahanurwa kwa Peter !
    Burya naho aba dd bihagararako bomenya ko ata mu perezida numwe aratsinda amahanga yose. Haba kuneza canke kunabi Nkurunziza ategerezwa kugenda nomuhanura ko yogenda hakibona kuko amazi agira arenge inkombe !!!

  • Nabanze ahere ahanure ububuligi bukore democracie nyayo,abanze akure umuhungu wiwe muri premier minister y’ububiligi,ayo mahera yabo nibayagumye na ambassade i bujumbura bugare badukureko induru,none bari bazi iki,ko bazokwama batwica bongera batwicisha bikazokwama uko?Akarere kose karasha nyene batavyitondeye kandi nibo bazoba babiteye!Mbega bob we azotanguza ingwano ryari ko twumvise yiyamamura asigura ivya ma rebellion ngo azoba ngo canke ariko abera hanze ?Nagende afate inkoho uyo mwicanyi yaturira igihugu na ya radio yiwe,kandi burya azobibazwa !

  • Amakungu nadufashe kabisa turwanye ico kiza ruhonyanganda nayahandi turahona,harya ntabaricwa nabado bizoba nkihonya bwoko ryirwanda kukivyiburundi vyo 93 vyari nkibisanzwe,amakungu nahaguruke kabisa kabisa

  • ngobumve igitangajekinateyagahinda nukwu
    vakwigihugucacu kigendera kumuntu
    we imambu gutwazumukazo

  • Ne nkurunziza naveho kuneza intambarihere

  • ntiyumva kuko ahanurwa na benshi.!! yobeba mandat vya bigwanisho adolphe yatanga vyomukata. siwe araremewe

  • ndabaramukije mwese ubumwe bwaburaya nibudufashe nayubundi simbona kwazopha guheba 3e mandat turi muyabira twebwe abarundi

  • @mutama
    Vuga make,nta ndero ugira!kuvuga menshi siko kuyamara,uzicwa n’ishavu nk’ishuli,ico mwomenyaco ntaco muzoronka vyoroshe ,mwa batutsi mushaka kumara abahutu mufashijwe n’ababiligi ,ewe basha ntimwihende ntituzongera kubemerera,tuzomomana ruce imana!En tout cas mubimenye!

  • Yaba imvugo ariyo ngiro kabisa ntajambo rihumuriza abarundi ryaruta iryo gusa Uwiteka yongereze ikigongwe mwumvira abandi

  • Ahubwo abazungu muracageramiye Africa!Yemeza ko muburundi ata Letat iriho?Bulayi nimwe mwahagaritse imfashanyo ku Burundi mumutwenzi!None nubu ngo funga amakonti?Burundi uzobaho naho wankwa!

  • Ahubwo abazungu muracageramiye Africa!Yemeza ko muburundi ata Letat iriho?Bulayi nimwe mwahagaritse imfashanyo ku Burundi mumutwenzi!None nubu ngo funga amakonti?Burundi uzobaho naho wankwa!

  • Kuki mu gihugu c’uburundi ubujuju bubandanya kuba umurengera mbe mwibagire ko nubu igihugu gitunzwe namahera ya masegano ico nobabwira abanyagihugu ntidushobora kwigura umuntu umwe rudende natuvireho agende hanyuma tube amahoro.

  • ategerezwa kugenda biguma vyoroha

  • NDABARAMUKIJE MWEBWE MUGIZE INSHIRAHAMWE RYIBIHUGU VYABURAYA NAGIRAMBASABE NTIMWUMVE ABANTU BATANGA IBITEKEREZO VYOKWANKA UMUKURU WIGIHUGU NABANSHAKA GUSAHURA ITUNGA RYARETA TWEBWE ABANYAGIHUGU BATOBATO TURAMWEMERA KUKO TUZI AHOYADUKUYE NAHOYATUGEJEJE ABOBAHIGA ITUNGA RYIWABO TURABAMAGANYE UWOZA AVUGANGO NTIYITOZE YOBA ARUMWASI WUBURUNDI NA BARUNDI YOBA ANSHAKA KUGIRA IGIHU IMFUVYI MUREKE TUBIRABIRE MUMATORA KANDI MUBIDUFANSHEMWONAHO IVYIKIRINGO TWEBWE SIVYOTURABA TURABA AHOYATUGEJEJE KWITERAMBERE MUZOBA NDABARAMUKIJE MWEBWE MUGIZE INSHIRAHAMWE RYIBIHUGU VYABURAYA NAGIRAMBASABE NTIMWUMVE ABANTU BATANGA IBITEKEREZO VYOKWANKA UMUKURU WIGIHUGU NABANSHAKA GUSAHURA ITUNGA RYARETA TWEBWE ABANYAGIHUGU BATOBATO TURAMWEMERA KUKO TUZI AHOYADUKUYE NAHOYATUGEJEJE ABOBAHIGA ITUNGA RYIWABO TURABAMAGANYE UWOZA AVUGANGO NTIYITOZE YOBA ARUMWASI WUBURUNDI NA BARUNDI YOBA ANSHAKA KUGIRA IGIHU IMFUVYI MUREKE TUBIRABIRE MUMATORA KANDI MUBIDUFANSHEMWONAHO IVYIKIRINGO TWEBWE SIVYOTURABA TURABA AHOYATUGEJEJE KWITERAMBERE MUZOBA MUKOZE

  • Weeee, yoooooo ndabasavye mutekereze ndetse mwihorere kuko uwukanura Nkurunziza nuko nyene yoza yariye agahaga nayo ahandi nobabwira ko amatwi yayazibiya kuko mubataramuhanura basigaye ni bake cane,Ngira hasigaye gusa imana yo nizere ko umusi yamwibwiriye atazogagaza nkuko ariko abigirira ibiremwa barundi na mpuzamakungu.Twomugereranya na gahini nawe murazi uko yahejeje.Mwambutsa yaratwaye aragenda,Mutaga vyagenzuko nyene,Mwezi uko nyene tuzi ivyo bamariye uburundi sinzi Ko Nkurunziza abona ko ivyo yakoze biruta ivyabo ndondaguye bakoze kugira bikunde avuge ko adakwiye kuhava ngo abandi nabo bakoreko.Agasozi kamarere kahiye...................................................................

  • Uyu musaza wagira ngo aracyari muri periode ya ba gashakabuhake. (colonisation ) yararangiye najye munzu z’abasaza asaze neza aho kwanduranye. Uyu turamumenyereye tuzi ko ari umuzindaro wa Ruharwa Kagame.

  • umushingamateka luis michel yavuz ukuri kko igihe n igih amasezerano y aharusha yasinywa yuko ata mu prezida numwe yorenza ibiringo 2 nawe yarayagizemw uruhara.

  • ngo murazi aho nkurunziza yabakuye naho abagejeje . ngo nagume ku vola. murababaje ubu mubona halicyo yabamaliye kweli ? kwilirwa arata ngo amavoka.

  • abarundi amavoka arahagije ntacyindi bacyeneye.

  • Mutama niwirambire and good will bless you in your news advices.ikibwigwa nicumva

  • IMANA IRACAKUND,ABARUNDI IGIFISINTANGO KIGIRANIHEREZO VYOSE BIGIYE GUHERA

  • Mukinda mugaramye,muvuga aya muhe,amatora azoba meza!Guma ku volant MUTAMA!

  • hewe urcavugivyamatora kandi itwaromfatakibanza yamazekumota? ha abarund iyomuva muzikwidadira

  • UBUBIRIGI NIBUFASHE ABENEGIHUGU B’I BURUNDI KUKO TURARAMBIWE N’INTWARO Y’UMUKAZO ,UBUGUNGE YA PETERO NKURUNZIZA.

  • Uyo Mugabo Louis Michel Afadikanije Na Kagame N’abandi Ngo Bashaka Gusenyura Ubutegetsi Bw’uburundi.Aramenya Si Mu Myaka Yahera Mugi Colonie.Ko Yumva Ari Umugabo Michel Arazohonyoze Nawe Akarenge I Burundi Ko Yumva Akomeye.Tuzomutwarana Gushika Mpaka.Narabe Iwabo I Buraya Yavukiye Nayo I Burundi Hari N’ahabo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.