Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Madagascar: Andry Rajoelina ntazokwitoza mu kibanza c’umukuru (...)
 Madagascar: Andry Rajoelina ntazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu
 Madagascar: Andry Rajoelina ntazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu
				
				mercredi 16 Nzero 2013
Umukuru w’igihugu nfatakibanza w’igihugu ca Madagascar Andry Rajoelina yaramenyesheje kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 15 Nzero ko atazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ategekanijwe mu gice cayo ca mbere igenekerezo rya 8 Rusama 2013.
Ku murwa mukuru wa Madagascar Antananarivo nta yindi nkuru yahavurwa atari ijambo umukuru w’igihugu nfatakibanza yari guhava ashikiriza abanyagihugu.Abanyagihugu bose bari imbere y’imboneshakure zabo n’amasamirizi.
Iryo jambo ryashikirijwe inyuma y’amasaha 20 ririndiriwe.
Andry Rajoelina,umukuru w’igihugu nfatakibanza haraheze imyaka ine yamenyesheje ko atazokwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe mu kwezi kwa Rusama kuza kw’igenekerezo rya 8.
Andry Rajoelina yavuze ati:«Sinzokwitoza mu matora kandi nemeye kwitangira abanyamadagaskari imiriyoni 20,ukwo nikwo nerekanye urukundo nkunda igihugu.» Yongeyeko kandi ko ari igikorwa ciwe co gutunganya amatora mu muco kandi ko azorongora igihugu mu kiringo nfatakibanza cose gushika gihere kandi ko yiteguye gutanga ubutegetsi biciye muri demokrasi. Akaba rero ngo yipfuriza amahirwe uwuzomusubirira.
Nkuko ikinyamakuru kimwe cegereye Andry Rajoelina cabimenyesheje,ngo iyo ngingo iratangaje cane mu gihe Rajoelina yari afise amahirwe menshi ufatiye ku bikorwa yakoze nko kwinjira ibibuga,ibitaro n’ibindi.
Twobibutsa ko Andry Rajoelina yari yashitse k’ubutegetsi inyuma y’ikurwa k’ubutegetsi rya Marc Ravalomanana igenekerezo rya 17 Ntwarante mu mwaka wa 2009,nayo ibihugu bigenzi vya Madagascar nk’u Bufaransa vyari vyamenyesheje Andry Rajoelina ko yitoje bitokwakirwa neza.
Joel Sengurebe

Messages
16 Nzero 2013, 10:06, par super
njewe ndatuye muri Madagascar, uyu mu president ni umwana mwiza kabisa. yafashe ubutegetsi ku nguvu ariko biragaragara ko yari abona neza ibitagenda neza ahitamo kubihindura, gusa afise vyinshi yakoze mu kiringo amaze kandi vyaribonekeje ko ari umuyobozi mwiza. aratanze akarorero keza ku bandi bategetsi b’afrika.
24 Ruhuhuma 2014, 07:08, par nsengiyumva leonidas
Novugako uwo mutegetsi agiye kuba uwakabiri havuye Mandera wo muri africa y,epfo ahubwo nabandi baze barabigira ko kweri