IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mahama : Abarundikazi bari mu buhungiro bahimbaje umunsi mukuru (...)

Mahama : Abarundikazi bari mu buhungiro bahimbaje umunsi mukuru wabagenewe

mercredi 9 Ntwarante 2016, par egide

Impunzi z’Abarundi ziri mw’ikambi y’i Mahama, mu karere ka Kirehe, mu gihugu c’Urwanda zahimbaje nazo umunsi mpuzamakungu wahariwe abagore, kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya 8 Ntwarante 2016. Benshi mu bafashe ijambo bavugiye abagore bari hagati y’imyaka 30 na 50 bari muri iyo kambi ko amahirwe baronka ari make ugereranyije n’abo mu bindi bigero.

Mw’ihimbazwa ry’uwo munsi mukuru mw’ikambi y’i Mahama, bamwe mu bagore berekanye ibikorwa baranguye harimwo ukujisha ibiseke, kudesa, hamwe n’ivyavuye mu bikorwa vy’ubwubatsi baranguye.

Umugore aserukira abandi bagore bo mw’ikambi y’i Mahama, akaba n’icegera c’umukuru w’ikambi, Kwizera Mireille, yamenyesheje ko mu migenzo yabo nk’Abarundikazi, badashobora kurera amaboko aho bari mw’ikambi y’impunzi. Yamenyesheje ko bamwe mu bagore bo muri iyo kambi bakuye amaboko mu mpuzu, batangura gukora imirimo ibayabaye ariko ibazanira akunguko, ariko akavuga ko benshi mu bagore bakeneye kwitabwako, kuko hari urugero rurimwo abagore babayeho nabi, kuko bataronka abagiraneza babitaho. Aho akavuga nk’abagore bo kuva ku myaka 30 gushika kuri 50.

JPEG - 156.2 ko
Kwizera Mireille, aserukira abagore bari mw’ikambi y’impunzi y’i Mahama, akaba n’icegera c’umukuru w’iyo kambi

Yagize ati : “Turasavye ko abagore bafise imyaka iri hagati ya 30 na 50 nabo bokwitabwaho kuko abenshi ata kintu bafise co gukora. Ni urugero rutagira umugira neza n’umwe. Nabo baronse uwubakurikirana bokwiteza imbere, kuko inguvu barazifise.”

Umukuru w’impunzi ziri mw’ikambi y’i Mahama, Pasitori Jean Bosco Ukwibishatse yamenyesheje ko uwo munsi w’abagore usanze Abarundi bari mu bibazo, ndetse n’uburenganzira bw’abagore benshi buri mu kaga, bamwe bari mu buhungiro mu bihugu bitandukanye, hari n’abicwa, abandi babayeho nabi, ariko avuga ko n’aho bimeze uko, bashima ko igihugu c’Urwanda cabakiriye kitigeze kibatana ibibazo.

Pasitori Ukwibishatse yasavye Reta y’Urwanda n’abasanzwe bafashanya nayo, ko boronderera abagore bo muri iyo kambi ibikoresho n’ubumenyi bw’ibanze bushobora gutuma bashobora gukora ibikorwa bitandukanye, kuko hari benshi badafise ivyo bakora.

JPEG - 237.5 ko
Bamwe mu bagore bahawe udushimwe kubera utwigoro bagira mu guhimiriza abandi bagore bagenzi babo kurwanya ihohoterwa

Ikambi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda irimwo abagore bagera ku bihumbi 23 mu bantu ibihumbi 47 bari muri iyo kambi, ni ukuvuga ibice 49 kw’ijana vy’impunzi ziri i Mahama.

JPEG - 182.4 ko
Abarundi bavuza ingoma bararyoheje ivyo birori, mu kwerekana akaranga k’Uburundi

IGIHE

Messages

  • iconobasaba bakomze gufatana munda imana izobakura mumagogwa barimwo ntanvura idahta!

  • IMANA NTABWO YIGEZE YIBAGIRA IMPUNZI
    AHO BAKANDAGIJE IKIRENGE HABA IMIGISHA TWE TWARI ITANZANIA TURABIZI CANE INGENE MTABILA BATARUNYWA MBERE NIFI ZAHO BATETSE ZITARIBWA ARIKO IMPUNZI ZIHAHONYOYE VYOSE VYARARIWE

  • Ni babure gutaha nayo nibisinga maragaritte na pacifique bazopfira murubwo buraya barigukorera mu Rwanda izo nburamaboko hakuza gufatisuka barajisha nibisinge abagiy iwabo.mukirek ico gitekerezo.

  • Mwihangane nimwagira ingorane muzoze murahamagara ababaye impunzi mu 61, 66, 72, 88, 93 2002, abobazobafasha kugira mushobore kwitegurira kubamubuhungiro imya irenga 30 komera barundi biwacu.

  • Ngo bafashe kuva kumyaka 30 gushika kuri50 nivyo kukontabwo baba bagishoboye gukor ubumaraya nkubwo wirirwamwo.

  • nobasaba gusenga ntibaje mumosha mabi bagiye tutabanse

  • nobasaba gusenga ntibaje mumosha mabi bagiye tutabanse

  • Uyumusi mukuru wa bakenyezi kwisi yose wa mushika burimwaka ugahimbazwa. ariko igitiri kinini cabakenyezi na bagihohoterwa cane, bamwe usanga bahohoterwa na bagabo babo, imitugo baronderanye ugasanga uriko ukwiragizwa muri vyavyigenze vyabatabanga. abandi bagakubitwa ijoro numurango, nuwakoze icokibi coguhohotera uwobubakanye ugasanga ubutegetsi buriko buramukingira. kabiri, iyo mugihugu hateye ibibazo abobikorako cane na bakenyezi, bamwe bagirwa abafakazi, abandi bagafatwa kunguvu nukuca babibimuga.noneho muravyibonera ngaha muburundi bwacu ingene abakenyezi bariko barakorerwa amabi atagiruko yovurwa. uwo nuwugizi tombora ahataba yi shwe,ariko ntakibabaje kingatuntuza umutima, ahumukenyezi akurwa kwagashambara ibibondo birorera, inkoho nayo irikumutwe. ikintu mya mukuru cokwitaho cane nukubahafi ababa bahuye nivyo vyago kugira nabo babone kwarabantu nkabandi, kuko usanga batinya kuja ahabandi bari, na yivyabashikiye ataribo bavyihamagariye.

  • Twe abanyarwanda twagize amahirwe twibonera abagore. Dore ko abarundikazi bagitanga kubi.

  • Ntimwishinge gusamazwa nimisimikuru mwibukeko uwatumye mwangara nawe yari impunzi kandi iyo atifasha ntawarikubumukuramwo iyo misimikuru muzoyigirira niwanyu ikisigiye co kwinezereza nigihe cokuraba iyotuvuye niyotuja

  • Bene barambabaje cane kukobatipfuza Ugutaha!!babuzwaniki?kwimpunzi itagirubwenegihugu nkabambona turinkamahasa sakindiyovyarikindi ntibotaha .abarimugihugu nibobeshi kuruta abarihanzeyaco bashatsebotaha.ihasa bukuru agwaye butoyi nawe ategerezwa kurwara.nimubaduhe canke mubahubwenegihugu kukombona mubakeneyeho byishi .

  • Bene barambabaje cane kukobatipfuza Ugutaha!!babuzwaniki?kwimpunzi itagirubwenegihugu nkabambona turinkamahasa sakindiyovyarikindi ntibotaha .abarimugihugu nibobeshi kuruta abarihanzeyaco bashatsebotaha.ihasa bukuru agwaye butoyi nawe ategerezwa kurwara.nimubaduhe canke mubahubwenegihugu kukombona mubakeneyeho byishi .

  • Bene barambabaje cane kukobatipfuza Ugutaha!!babuzwaniki?kwimpunzi itagirubwenegihugu nkabambona turinkamahasa sakindiyovyarikindi ntibotaha .abarimugihugu nibobeshi kuruta abarihanzeyaco bashatsebotaha.ihasa bukuru agwaye butoyi nawe ategerezwa kurwara.nimubaduhe canke mubahubwenegihugu kukombona mubakeneyeho byishi .

  • Nivyiza Ark Barakwiy Gutah Kuk Nabarund Sabanyarwanda Jw Narinarahunz Ark Naratash Ndarima Ndimbura Ubunaho Natey Impeshi Numuceri Non Ntiboza Bagatezimber Igihug Cabo? Ahobagorerw Mu Rwanda! Nibarek Kwishinga Abanye Politique Kuk Bob Baronder Inyungu Zabo Nukur Ndababjw Numupastor Nkuwo Ahoguhanur Abant Ngo Batah Akaja Kuzerinze Mugihugu Cabandi Tahe Iman Niyonkuru Niyizotum Dupf Cnk Tubaho Ntawuzpf Igih Ciw Kitagez Soma Yosuwa 1:9; 1petero 3:13-22 Ntakind Numv Novug Kk Twashiriweh Kubinyegu Y’Iman Non Abans Bacu Tubahung Cnk Abaribo Baduhung? "Uwutariso Ntabe Nyoka Akwibuk Ahejj Kurya" Gumehiyo Muzbishim Mubibony Ku Rwanda Ugrang Abanyagwand Barakeny? Kuberik Mwebw Mugumay Knd Muhagorew? Tahe Wokeneriwaw Kand Uburuhiro Muztaha! Urupf Ntiruhungw Kand Abapf Bamy Bapf Kk Ntamus Bigez Basiba Kubika Nubu Naho Murihiyo Abapf Barapfa Nimuz Twubak Ighug Cacu Abagombubutwar Tubareke NKa Buyoya Yatway Kangah? Harimigumuk Yabay? Ndaday Yishw Nand? Harukwihor Kwabay? Knd Nubu Turacarih! Ingo Twisenger Iman Gusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.