IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mahama: Abaserukira impunzi z’abarundi basabwa kuba aba mbere mu kurwanya (...)

Mahama: Abaserukira impunzi z’abarundi basabwa kuba aba mbere mu kurwanya ihohoterwa

vendredi 1er Nzero 2016

Abaserukira abandi mw’ikambi y’impunzi z’abarundi y’i Mahama mu gihugu c’Urwanda bahamagarirwa kuba aba mbere mu kurwanya ihohoterwa rifatiye ku gitsina.

Ivyo vyashikirije inyuma y’urugendo rwagizwe n’umurwi w’igihugu kijejwe gushira mu ngiro ibikorwa vyo kunganisha ibitsina,igipolisi c’Urwanda hamwe n’ubushingwamanza bukuru bwa Republika mu Rwanda mu ntumbero yo kurabira hamwe icokorwa mu kunganisha ibitsina no gukuraho inzitizi.

Mw’ijambo ryiwe Rose Rwabuhihi, umuyobozi w’ikigo ca Reta kijejwe gushira mu ngiro ibikorwa vyo kunganisha ibitsina yashimiye abayobozi bw’ikambi kuba bwubahiriza inganishwa ry’ibitsina.

Yagize ko bishimishije kuba abakora mu nzego zose haba mu bijanye n’amagara y’abantu, amategeko ndetse n’umutekano bakorera hamwe mu gufasha impunzi, ariko kandi yavuze ko hagikenewe inyigisho zo kubamenyesha uburenganzira bwabo,ndetse no gutanga amakuru y’ibitagenda neza.

Rose Rwabuhihi yabasavye gutinyuka bagatanga amakuru kw’ihohoterwa n’ibindi bikorwa bihungabanya uburenganzira bwabo, kandi bakanubahiriza uburenganzira bw’umuntu uwariwe wese.

Icegera c’umuyobozi w’igipolisi kijejwe gukurikirana abakoze ivyaha Morris Murigo yasabye abanyagihugu n’abayobozi kubandanya gukorana n’igipolisi c’Urwanda ,abasaba kandi kwubahiriza amategeko y’Urwanda kuko ariyo abagenga nk’igihugu babamwo.

Mw’ikambi y’impunzi ya Mahama irimwo impunzi ibihumbi 47 z’abarundi, abagera kuri 50 kw’ ijana bakaba ari abafise imyaka 18 no munsi yayo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.