IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Major NTAMAGARA Hermenegilde yarekuwe

Major NTAMAGARA Hermenegilde yarekuwe

lundi 28 Ntwarante 2016, par egide

Intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, Major Ntamagara Hermenegilde yarekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, inyuma y’iminsi itatu yari amaze apfungiwe mu gasho k’ibiro bikuru vy’igendereza.

Major NTAMAGARA Hermenegilde akora mu biro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi (Etat Major général de l’armée) yari yahagaritswe ku munsi wa gatandatu, ajanwa gupfungirwa mw’igendereza ry’Uburundi.

Kuri uwu wa mbere, imbere y’uko umuryango wiwe umenyesha ko yarekuwe, ku mbuga ngurukanabumenyi hagumye hacishwa amakuru avuga ko yatowe ikiziga. Amakuru y’iryo rekurwa ryiwe akaba yemejwe n’umuryango wiwe.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.