IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Malawi : Banyamwema barabangamiwe

Malawi : Banyamwema barabangamiwe

jeudi 26 Rusama 2016, par egide

Amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu muri Malawi yagize imyiyerekano kuri uwu wa gatatu, asaba inama nshingamateka y’ico gihugu ko yoshiraho amategeko akingira banyamwema babandanya kwicwa bunyamaswa.

Icegeranyo ishirahamwe mpuzamakungu ONU riheruka gusohora kivuga ko banyamwema bo muri Malawi bashobora guhona kubera ubwicanyi bakorerwa. Ikponwosa Ero, umwe muri banyamwema bo muri Malawi, avuga ko banyamwema baharurwa mu bihumbi icumi bashobora kwicwa nihatagira igikozwe kugira bakingirwe.

Banyamwema muri Malawi hamwe no mu bihugu bimwe na bimwe vyo muri Afrika bicwa n’abantu bavuga ko ibihimba vy’imibiri yabo bitera imigisha, iyo bikoreshejwe mu migirwa y’ubupfumu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.