IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Malawi : Ubwicanyi kuri nyamwema bwasubiriye

Malawi : Ubwicanyi kuri nyamwema bwasubiriye

samedi 30 Ndamukiza 2016, par egide

Amashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu afise impungenge ko ba nyamwema bashobora gupfa bagahera muri Malawi, hatagize igikorwa kugira umutekano wabo ucungerwe mu maguru masha.

Ayo makenga y’amashirahamwe mpuzamakungu aterwa n’ubwicanyi bukorerwa uwo murwi wabo, ugizwe n’abaharurwa mu bihumbi icumi muri Malawi, bagashobora guhona kubera ubwicanyi bakorerwa.

Ibice vy’imibiri y’abo ba nyamwema bikoreshwa mu bikorwa vy’ubupfumu kubera ko hari abakeka ko bibazanira amahirwe n’ubutunzi.

Igiporisi co muri Malawi, guhera mu mwaka w’2014, kimaze guharura ibitero 65 vyakorewe ba nyamwema.

Iryo hohoterwa hamwe n’iyicwa ry’aba nyamwema biribonekeza kandi mu duce twa Afrika nko muri Mozambique na Tanzania, n’aho nyene ba nyamwema bakaba bicwa kubera izo mpamvu z’uburozi.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.