Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abagwanya Reta biciyemwo imigwi ibiri , bamwe basaba (...)
 Mali: Abagwanya Reta  biciyemwo imigwi ibiri , bamwe basaba ibiganiro
 Mali: Abagwanya Reta  biciyemwo imigwi ibiri , bamwe basaba ibiganiro
				
				vendredi 25 Nzero 2013
Abarongoye ishami rishasha ry’umuhari Ansar Dine urwanya ubutegetsi bw’igihugu ca Mali bamenyesheje ko bahevye ibikorwa vy’intagondwa,bakaba basaba ibiganiro vy’amahoro.
Umuhari w’intagondwa z’aba islam bagwanya Leta ya Mali bivugwa ko boba kakorana n’umugwi Al Qaeda.Ariko rero amakuru ava mu buraruko bwa Mali avugako uwo muhari wamaze kwicamwo kubiri,kuko hari ababandanya kugwana abandi bagasaba ibiganiro.
Uko kwicamwo kubiri rero ngo vyerekana ko bamwe mu bagwanyi bashaka kwiyonjorora kuri uwo muhari,ivyo rero bikaba bibaye inyuma y’ibitero vyagizwe n’abasirikare b’abafaransa.
Marie Claire Ingabire
