Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna
 Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna
 Mali: Abasirikare bigaruriye igisagara ca Konna
				
				samedi 19 Nzero 2013
Igisirikare  ca Mali kivuga ko cisubije igisagara  ca  Konna kiri hagati muri ico gihugu, cari carafashwe n’abarwanyi  b’abayisilamu mu ntango z’uku kwezi.
Abasirikare b’u Bufaransa nabo barabandanya gutera ibibombe mu maja epfo y’igisagara  ca Diabaly.
Umuyobozi wa Diabaly yabwiye BBC ko inyeshyamba z’abayisilamu zamaze kuva muri ico gisagara zija mu maja ruguru y’igihugu.
Ishami rya ONU ryitaho  mpunzi HCR rivuga ko hari amakuru rifise avuga ko hari ihohoterwa riteye ubwoba ryakozwe n’abo barwanyi  mu maja  ruguru ya Mali.
Impunzi z’abanyamali nizo zivuga ivyo zakorewe, ngo hari abishwe, abaciwe ibice vy’imibiri n’abana bajanywe mu gisirikare.
HCR ivuga ko yiteze abandi bantu bagera ku bihumbi 700 bahunga.
Abashikiranganji bajejwe imigenderanire bo mu bihugu vyo muri ako karere hamwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’u Bufaransa Laurent Fabius batanguye ibiganiro i Abidjan ku murwa mukuru wa Cote d’Ivoire kwigira hamwe uko bagira ibitero vya gisirikare.
Iyo nama kandi itanguriye iy’abakuru b’ibihugu vyo mu muryango w’ibihugu bya Afirika y’uburengo ECOWAS yabaye kuri uyu wa gatandatu.
Pierre Claver Niyonkuru
