Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma
 Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma
 Mali: Amatora y’umukuru w’igihugu ntazokwigizwa inyuma
				
				jeudi 25 Ndamukiza 2013
Mu gihugu ca Mali ubutegetsi bwashize ahabona itunganywa ry’amatora y’umukuru w’igihugu azotangura igenekerezo rya 7 Mukakaro umwaka w’2013.
Ku makenga yari ahari, umukuru w’umugwi utegura amatora yarandikiye umushikiranganji w’intwaro amusaba kwihweza gushasha ikirangamisi c’amatora. Ku bwiwe, ibiringo ntibizokwubahirizwa.
Manga Dembele, umushikiranganji w’ugutumatumanako amakuru amenyesha ko kwigiza inyuma amatora bitazotera ikibazo, aho avuga ati: “ Twiyemeje muri iyo nteguro ko ubutaka bwose buzoba buri mu minwe y’ubutegetsi bwa Mali mu kwezi kwa Mukakaro”
Aberwa bose n’iyo nteguro y’amatora (ubutegetsi, umurwi w’amatora, imigambwe ,amashirahamwe yigenga n’abandi) bakoranye kuri uyu wa kane, igenekerezo rya 25 mw’ikoraniro rihambaye, rizomara iminsi ibiri, ryateguwe n’ishirahamwe rikurikirana iyubahirizwa rya demokarasi.
Prosper Ndayikeza
