Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Bamako yiteguriye kwumvikana n’abarwanyi b’aba Touaregs
 Mali : Bamako yiteguriye kwumvikana n’abarwanyi b’aba Touaregs
 Mali : Bamako yiteguriye kwumvikana n’abarwanyi b’aba Touaregs
				
				mardi 18 Ruheshi 2013
Mu gisagara ca Ouagadougou, kuva ku genekerezo rya 8 Ruheshi 2013, abategetsi ba Mali n’abarwanyi b’abatouaregs bariko baragerageza gutora umwumvikano ku ngingo yofatirwa Kidal. Umwe mu bategetsi bari muri ivyo biganiro yamenyesheje ko hamwe ivyasabwe vyokwemerwa, Bamako ntizohigimanga gutera umukono ku masezerano y’ibizoba vyumvikanweko.
Nk’uko vyashikirijwe n’uwo ari mu biganiro ku musi w’ejo, abategetsi ba Mali ntibarota bahagarika ibiganiro. Kubw’iwe, Bamako yiteguriye gutera umukono ku masezerano azova ku kiyago kiriko kibera i Ouagadougou. Naho atatomoye ivyo basavye ko vyohinduka, Tiébilé Dramé yabandanije yizeza ko ayo masezerano ariyo azokwugurura umwumvikano hagati y’abanyagihugu bo muri Mali.
Niko kubandanya ahumuriza ati : « Bamako ntaco yigeze yanka mu masezerano. Utunenge tumwe tumwe nitwo twasavye ko twotosorwa ku nteguro y’amasezerano yahawe impande zompi ku musi w’Imana, aho batomoye ibijanye n’igaruka i Kidal ry’abasirikare ba Mali, mu ntumbero yo gutegura amatora yo kuwa 28 Mukakaro.»
Inyuma y’imisi cumi y’ibiganiro, abategetsi ba Mali, abaserukira aba touaregs, n’abaserukira umurwi MNLA ntibarahuriza ku nteguro y’umwumvikano yashikirijwe n’abahuza bo mu gihugu ca Burkina Fasso.
Amakuru ava mu bategetsi bari muri ivyo biganiro akaba amenyesha ko Leta ya Bamako yoba yamiriye kure ikigabane nyamukuru c’uwo mwumvikano, ari naco kivuga ibijanye n’ikirangamisi c’igaruka ry’abasirikare ba Mali i Kidal, batibagiye kwaka ibirwanisho abahora ari abarwanyi.
Mwokwibuka ko abarwanyi b’aba touaregs binjiye i Kidal mu kwezi kwa Nzero, kumwe n’abasirikare b’abafaransa baje gutuza imirwi y’abayisiramu ; Al-Qaïda n’abajihadistes bari bigaruriye mu mwaka w’2012, akarere k’uburaruko bwa Mali, bari kumwe na MNLA.
Egide Nduwimana
