IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mali : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

Mali : Ikigandaro c’iminsi itatu catanguye

lundi 23 Munyonyo 2015, par egide

Inyuma y’igitero c’abarwanyi b’abihevyi cabereye kuri Radisson Blu Hotel, ihoteri ikomeye iri mu gisagara ca Bamako, hakitaba Imana abantu bagera kuri 27, mu gihugu ca Mali hatanguye ikigandaro c’iminsi itatu.

Ico gitero cabaye kuri uwa gatanu, abarwanyi babiri nabo barahasize ubuzima.
Abasirikare ba Mali hamwe n’abasirikare mpuzamakungu baciye bihutira kubohoza abantu bose bari bagizwe imbohe, akaba ata n’umwe mu bari bagizwe ingwati yagumye mu vyara vy’abo barwanyi b’abihevyi.

Imigwi itatu itandukanye y’abarwanyi ba ki Islam yose ivuga ko ariyo yakoze ico gitero, abakora amatohoza nabo bakavuga ko hari inzira zitandukanye bariko barakurikirana kugira bamenye uwabikoze.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.