IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mali:Umukuru w’igihugu yagenye umushikiranganji wa mbere mushasha

Mali:Umukuru w’igihugu yagenye umushikiranganji wa mbere mushasha

mercredi 12 Kigarama 2012

Inyuma y’aho umushikiranganji wa mbere muri Mali atangiye imihoho na Reta yiwe yose abitegetswe n’igisirikare, umukuru w’igihugu yashizeho uwundi mushsha.

Umukuru w’igihugu mfatakibanza wa Mali Dioncounda Traoré yaragenye umushikiranganji wa mbere mushasha mw’ijoro ryo kuri uyu wa kabiri italiki 11 Kigarama, Diango Sissoko. Itegeko rimugena ryaciye ku mboneshakure y’igihugu ORTM.
Diango Sissoko asubiriye Cheick Modibo Diarra yaheruka gukomborwa ku nguvu mu nyuma aca atanga imihoho na Reta yiwe yose y’abashikiranganji barenga 20. Yari yahagaritswe kw’itegeko rya capitaine Amadou Haya Sanogo, arongoye umugwi w’abasirikare batembagaje ubutegetsi bwa Prezida Amadou Toumani Toure mu kwezi kwa Ndamukiza guheze.

Uwo yakombowe Cheik Modibo Diara afungiwe icamaso muhira iwe, yagirijwe ko adakunda abanyamali kandi ngo ni intambamyi ku mahoro muri Mali. Aho ni mugihe yaheruka kwemera ko harungikwa inteko za gisirikare mu buraruko bwa Mali kugarukana amahoro n’umutekano muri ico gice cigaruriwe n’intagondwa z’aba islam bitwaje ibirwanisho.

Umushikiranganji wa mbere mushasha Diango Sissoko afise imyaka 62, yahora ari umuhuza aho muri Mali, ni incabwenge mu mategeko.
Igihugu c’ubufaransa carateye ivyatsi iyo ngendo yo gutembagaza inzego hakoreshejwe inguvu.

Abahinga bavuka bitoroshe gutwara muri Muko igisirikare gifise inguvu n’ubutegetsi bwose.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.