Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Maroc: Amwe mu mayeri bakoresha mu kujabuka imbibe atavyangombwa (...)
 Maroc: Amwe mu mayeri bakoresha mu kujabuka imbibe atavyangombwa bafise
 Maroc: Amwe mu mayeri bakoresha mu kujabuka imbibe atavyangombwa bafise
				
				samedi 9 Rusama 2015
Umuvugizi w’igiporisi ca Espagne yafashe umwana anyegejwe mw’isandugu, uwo mwana nawe, akaba yavuka mu gihugu ca Cote d’Ivoire, aho yariko agerageza kujanwa i Buraya.
Uwo mwana w’imyaka umunani yari yinyegje mw’isakoshi kugira arengane ku rubibe rwa Ceuta na Melilla, rugabura Maroc na Espagne. Umupfasoni afise imyaka cumi nicenda, niwe yafatanywe isakoshi irimwo umwana, mu gihe bacisha muri vya vyuma bifasha gucungera umutekano, na cane cane ku mbibe z’igihugu. Umuporisi yariko akora ico gikorwa, yabonamwo ikintu giteye amakenga kimeze nk’umuntu aho naho yaciye yugurura asanga n’umwana mutoyi, aryamyemwo.
Uwo mupfasoni yaramuherekeje kandi atariwe amuvyara, yaciye afatwa ubu yajanywe imbere y’ubutungane. Haheze amasaha make, se w’uyo mwana yaciye arengana ahonyene avuye muri Cote d’Ivoire kuri urwo rubibe, Ceuta na Melilla haca abantu benshi mu buryo budahuye n’amategeko, canke bakagira amayeri menshi yo guca muryahumye abaporisi. Eka mwomenya ko hari n’umunyagihugu wo muri Maroc yafashwe yiryamiye mu gisaho gitwara imizigo.
Bill Nkurunziza

Messages
10 Rusama 2015, 11:30, par niyonzima
Nugusengimana turimubihevyiherezo yooo
!umuntu asigayeatwagwa nkumuzigo nihatari komeza gusenga
11 Rusama 2015, 19:08, par korakwishaka
nukuri nakamaramaza.Kubona umuntu asigaye yarataye agaciro akagereranywa numufuko wubufu!Nukuri imana nigarukire iyisi