IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mary Robinson yasubirijwe mu mabanga yo guserukira ONU mu karere k’ibiyaga (...)

Mary Robinson yasubirijwe mu mabanga yo guserukira ONU mu karere k’ibiyaga bigari

samedi 19 Mukakaro 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon yagenye umuserukizi mushasha w’ishirahamamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga bigari.
Said Djinnit aturuka mu gihugu ca Algeriya niwe yahawe amabanga y’ukuba umuserukizi adasanzwe w’umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuri uwu wa kane igenekerezo rya 17 Mukakaro 2014, mu karere k’ibiyaga bigari.

Djinnit aje gusubirira mu mabanga uwahahora, Mary Robinson aturuka mu gihugu ca Irlande. Robinson akaba yaciye azezwa ayandi mabanga yo kuba intumwa idasanzwe ajejwe kuraba ivy’ihindagurika ry’ibicu n’ibirere mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

JPEG - 38 ko
Said Djinnit, yagiye mu kibanza cahoramwo Mary Robinson

Tubibutse ko Robinson yahora mu mabanga yo guserukira ishirahamwe ONU mu karere k’ibiyaga bigari kuva mu mwaka w’2008 gushika mu mwaka w’2014.

Mwomenya kandi ko Said Djinnit, mu kwezi kwa Rusama yari yaragiye mu gihugu ca Nigeriya gusaba umukuru w’igihugu ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rishobora gufasha gukura mu minwe ya Boko Haram abanyeshure bari banyurujwe.


Mariella Bukuru

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.