IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Kinanira : Abanywanyi ba MSD bafashe indangamuntu zo mu busuma

Kinanira : Abanywanyi ba MSD bafashe indangamuntu zo mu busuma

mardi 9 Kigarama 2014

Kw’ishure ritoya ryo mu Kinanira ya gatatu mu gisagara ca Bujumbura, amakarata karangamuntu ya magendu yafashwe n’abanywanyi ba MSD mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Mw’ishirahamwe APRODH, rimwe mu mashirahamwe yari aho mu Kinanira, babandanya gusaba ko igikorwa c’ukwandika abazotora mu 2015 cohagarara vy’agateganyo.

Mu gihe mu murwi CENI ujejwe gutegura amatora mu Burundi baheruka kwongereza iminsi itanu ku kiringo c’ukwiyandikisha, habandanya kuvugwa utunenge mw’itangwa ry’amakarata karangamuntu, hakavugwa amakarata karangamuntu afatwa ariko atangwa muri magendu, mu kinyegero, ayandi agafatwa yahawe abadakwije imyaka, canke abanyamahanga. Mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abanywanyi b’umugambwe MSD bafashe amakarata karangamuntu yariko yegeranywa mu busuma. Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru wa APRODH, rimwe mu mashirahamwe yari aho hafatiwe ayo makarata, asaba ko ico gikorwa c’ukwandika abazotora cohagarara vy’agateganyo, utunenge turiko turibonekeza tukabanza tugakosorwa.

Ayo makarata karangamuntu yariko yegeranwa mu busuma afashwe mu gihe Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, yagabishije abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, akavuga ko bashira poritike mu kibazo c’itwangwa ry’amakarata karangamuntu ku banyagihugu bariko bariyandikisha kugira bazoshobore kwitaba amatora yimirije mu mwaka w’2015. Muri ico kiganiro, Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yamenyesheje ko naho hari utunenge twibonekeza mw’itangwa ry’amakarata karangamuntu, umurwi CENI wonyene ariwo ufise uburenganzira bw’ukuvuga urugero bw’utwo tunenge, hama uwo murwi nyene ugafata ingingo.

Ayo makarata karangamuntu afatwa mu gihe Edouard Nduwimana, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu yagiriza abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ko bagize ico kibazo ica poritike ku nyungu zabo, akavuga mbere ko hari abarementanya bakavuga indangamuntu zafashwe aha na hariya, kandi atarivyo.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe ndi umunywanyiwa MSD ariko hari igihe ubutegetsi turenza tukabwambika ibara,izi ndangamuntu vyaravuzwe ko MSD izozikoresha za magendu kugira yerekane ko ubutegetsi ari bubi nababivuze nobadomako urutoki harimwo na musitanteri umwe

  • Uyo mugore atwara iryo shure, ariwe yitwa Jacqueline, ntimworaba ingene yigira mweranda n’ukuri : ari mu bantu bakora ibikogwa vy’Imana muri Paroisse Kinindo, asoma ibisomwa, guterura ibiseke bashiramwo imperezwa, eka ntimworaba ni ukuri!!! jewe nama mvuga nti abantu mwese mwigira ngo murasenga, ngo murazi Imana, bla bla bla, muragabe Imana ntibangikanywa, ushatse kuba uwayo, uba uwayo ijana kw’ijana atari ivyo kubesha. Ehe raba Serapiyo ngo ni musenyeri ivyo yirigwa arakora! abigira ngo barakijijwe, nibo bambere bicana, basambana, biba. None mwibaza ko mutazoteba mugaragara??? Ndavuga simvura, ariko uwoshaka yokora ivyiza bihesha icubahiro Imana akareka ibibi biyicafuza, nkuko twese yaturemanye ishusho yayo. Sivyo ga bantu mwe??? Ibikogwa vy’Imana si birya gusa bakora mw’isengero, niyo dusohotse tuvuye gusenga, dukwiye kwigenza neza.

  • @ Logique, mubintu vyambere bisesemimana nabishira mukibazacabo bagatangura gucirimanza abafise amabanga yogumorera Imana, uwomugore wavuze ngwasoma ibihimba mw’isengero na Muse yeri Serapio nabandi kw’Imana kirazira kikaziririzwa kubacirurubaza kuko ubawisbize mukibanza c’Imana iyo Mana wumvayoyo ntishobora kwihenda arikowewe ndibaza Ko wihenze kuko ibikorwa Serapio akora sibisesema Imana igitumabidasesem’Imana nikigikurikira, aravugati wewe watswe utwawe dusubirane kandiniwamara gusubizwa utwawe ntusabe ivyavuyemwo mugihecaheze atumwihangarire, none ivyobikorwa nivyowavuze vyerekana kwatarumukozi w’Imana!?.

  • Mbega ahowiyitaciza uvuga ivyutazi muhungu nurye bike uryame kare ntuhendwe na CNDD FDD kubera baguhaye udufaranga wewe MSD urayizi? Rekakwigira umu MSD kandi uri umu DD shavyarabatekurukanye rekakwonona energy yawe uvuga ibinyoma atahobifatiye kandiwewe birashobokako uri IMBONERAKURE arikonoguhanurako wovayo kuko ntarukiza ruriyo nayomahera babahemba ntugire ngonamahera aho uriko urya umuriro.

  • Ariko Opposition, societe civile, abanyapolitique bigenga mwese muratwenza. Erega mugiye kwikangura bukeye. Aho mwemera iyo CENI irongowe na Bacemwo ntibabona mwari muzi ko bizogenda gute? Mugiye kuzitira zamaze kona. Hasigaye ko abasenyeri, aba pasitori, amashengero yose yisonzesha abantu bakambara amagunira bakaja ku mavi bagasenga Imana ikaba ariyo yikorera ikarungika umuriro uturira izo carata z’ubusuma hamwe n’abo bazitanga. Ahandi ho turawunywa naho urura.

  • wewe wiyita ngo uri "nuwera" ahubwo uri "nuwirabura" kabisa! none ukuri kureke kuvugwa? Abica bice biherere aho? Abiba bibe uko? Abariko bariba amatora biherere ngaho? Mbega ko uhakana ko badakora ibidakogwa, niwaba uba muri iki gihugu, wewe nta mwarira, imyidogo, amaganya y’abarundi wumva? None ko yakoze ibiroranye, ni kuki atasubiye kuboneka kuri iryo shure, canke ngo yitabe ibimenyeshamakuru bimurondera? KURA IVYO BIGUGU NGAHO, URI IMBONERANYUMA, UKITWA UMWENEGIHUGU, ivyo vyose tekera utware ntavyo bakwatse, uratwara utamena. Mu kirundi ngo :"AKARI UKURI KARAVUGWA" kandi ngo "NTA WUHISHA UMWOTSI INZU IRIKO IRASHA" niwaba atavyo ubona, uzovyibonerako, ruriye abandi rutakwibagiye. Nayo uyo yiyise "logique" ntusubire no kumucisha mu kanwa, murundi canke murundikazi yavuga ni uko atavura.

  • @Ukuri, jewe sindi MBONERANYUMA nkukunyise urazobaza, ariko ivyontibintangaza kukomazekwitegereza abantu bosebandika ngaha bavugako bashaka gukura leta ihari mu Burundi ikibaranga nugutukana bifatanye namarementanya yurutavanyako, jewe ahokuba IMBONERANYUMA noba IMBONERAKURE, umva muri 2015 mugombamumaramazwe bimwevyintagarugero kugira nuwuzobakomokako bizomubere isomo Ko atawushobora gukurubutegetsi bwigihugu ngonuko azigutukana, abandi ahobukera barereka abenegihugu ivyobaranguye arikomwebwe uvyobititsi namarementanya mwagacishije mwiyominywa yanyu sinzi komuzokwasama mukabarivyomwereka abenegihugu mukababwira ngonimurabe iyiminywayacu ukuntuyagakoze mukurementanya nogutukana yivuyinyuma.

  • ehe umugani w’Ikirundi :"imbwa yarivye bayiturira ku murizo, iti burakeye tuhereke abagabo"! "nuwera", reka geza aho, ibiri imbere nta numwe abizi, hari naho bitogushimisha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.