IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Mbega abaririmvyi baserukiye Brarudi muri Primusic bavyifashemwo (...)

Mbega abaririmvyi baserukiye Brarudi muri Primusic bavyifashemwo gute?

lundi 28 Mukakaro 2014

Ibiteramo vyagiye bikorwa n’abaririmvyi b’ibihangange baserukira ishirahamwe Brarudi mw’ihiganwa Primusic, vyari imboneka rimwe. Vyaboneka nk’akaryo keza ko kumarana umwanya munini hagati yabo, no kuraba urugero umwe wese yakirwako n’abanyagihugu. Wari kandi umunezero ntangere ku bakunzi babo bo mu Burundi.

JPEG - 53.9 ko
Mkombozi ariko aryohera abakunzi biwe

Ishirahamwe Brarudi mu gushiraho ihiganwa rya Primusic rifasha ibintu bitari bike. Abaririmvyi batorwa kuriserukira si kenshi bohora bahura, umwe wese afita ibikorwa ategura ukwiwe haba mu muziki canke mu bindi. Uno mwaka harimwo abaririmvyi bakwirikira: Patient Matabaro, Sat-b, na Big Fariouz. Abo ntibigeze batamba birorera, haraboneka bagenzi babo, Rally Jo, Yoya, Mkombozi, Yvan Muzika. Abo bose berekana ubumwe, bamwe bakipfuza indirimbo yokorwa n’ivyo bihangange mu muziki w’Uburundi.

Abo baririmvyi bararonkejwe umwanya ukwiye wo kwerekana ico bashoboye mu muziki imbere y’abakunzi babo. Wari kandi umwanya mwiza wo kuraba urugero umwese agezeko imbere y’Abarundi. Umuririmvyi wese yagerageza kuririmba zimwe mu ndirimbo ziwe zakunzwe kurusha izindi. Inyuma y’ibiteramo canke imbere, bamwe mu bakunzi babo barasaba ko boja ku baramutsa mu bibanza abo baririmvyi baba bicayemwo, maze bakaronswa amafoto bari kumwe.

JPEG - 1.6 Mo
Fizzo ariko arayaga na Yoya

Bamwe mu banyagihugu bibazako abo baririmvyi atari abantu nk’abandi, barabonyeko nka Fizzo, Sat b, Patient ari abantu basanzwe kuko atawe banka kuramutsa canke kwifotozanya nawe. Eka n’abandi nka Yoya, Mkombozi na Rally Jo, barashika mu banyagihugu bakabaramutsa. Ihiganwa rya Primusic ryarabonetseko urukundo n’urupfasoni, hagati y’abaririmvyi bari baserukiye ishirahamwe Brarudi.

JPEG - 73.7 ko
Fizzo ari aramutsa abanyagihugu

Icibonekeje n’uko abaririmvyi b’Abarundi bakunzwe cane mu gihugu iwabo, abanyagihugu barabiyumvamwo bihagije, ari naco gituma bahamagarirwa gukora indirimbo ziryohera cane abanyagihugu, vyogira akamaro kanini k’umuririmvyi no mu guteza imbere umuziki w’Uburundi bahereye mu Burundi. Abarundi bati:" Uwutanga ubwiza arabwibanza".

JPEG - 71.2 ko
Big Fizzo na Yoya kumwe n’abahiganwa i Muyinga
JPEG - 1.6 Mo
Farious yifotozanya n’abana n’umuvyeyi wabo
JPEG - 1.8 Mo
Matabaro na mugenzi we Platini
JPEG - 1.6 Mo
Rally Jo ariko yitangira abakunzi biwe
JPEG - 1.5 Mo
Fizzo ariko arayaga na Yoya
JPEG - 1.7 Mo
Yvan Muzika yabonetse mu giteramo kimwe co mu kinama

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.