Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Akamaro ko kwumviriza umuziki uriko urakora ikarashishi(sport (...)
 Akamaro ko kwumviriza  umuziki uriko urakora ikarashishi(sport )
 Akamaro ko kwumviriza  umuziki uriko urakora ikarashishi(sport ) 
				
				mercredi 3 Ndamukiza 2013
Mbega mwoba muzi ko iyo turiko turagira ikarashishi twumviriza umuziki biduha amababa yo kuguruka.
Muhora muraba abantu bariko baragira ikarashishi ,baba abiruka,abaterura ivyuma ndetse canke wa mwigisha wa zumba ,barafise ikintu basangiye abo bantu bose, kenshi bakora iyo karashishi bumviriza umuziki.
Nimba bumviririza muri bimwe twita Ipod canke ikaseti aho dushatse aha tuvuze bamwe bagirira ikarashishi mu mazu ya bigenewe ,hama hariho akaziki . None mwoba muzi impamvu babikora?ni kubera bituma umuntu aronka ingoga turabibasigurira impamvu umuziki ari ikintu gituma umuntu ashobora gushika naho atari gushobora .
Iyo ugize ikarashishi umwanya munini vyerekana ko ubaho
Turabizi ,ukwumviriza umuziki biraduha izindi nguvu nkuko bitubwirwa na France GALL.Ivyo bituma  ushobora kwiruka ahantu hanini cane,kugira nk’ikirometero kirenga ku mwanya wahora ugira,imetero 2 zirenga,canke bimwe twita I pompo zibiri zirengako.
Mu majambo make bituma ushiramwo utuguvu twawe twose kubera umubiri uguma ukubwira kubandanya.Uburuhe n’ukubabara ntibisubira kuza biriyerekana cane,usanga ushobora kubandanya cane ku buryo bica binafata uburyo  umuntu yiyumva  neza mu mutima.Ivyo bimenyetso vyose turashobora kuvyerekana mugabo vyoba bisigurwa gute? 
Umuziki ,uri mu bintu vya mbere bituma umuntu ushobora kugira ingoga yo gukora ibintu
Itohoza rinini ryarakozwe n’ikinyamakuru scientific American baratwereka amabanga ari mu muziki hamwe no gukora ikarashishi ko ari ibintu bibiri iyo biri hamwe bituma umuntu ahema neza .Costas karageorhis,umwe mu bahinga mu vyerekeye ibintu bihuza kwinonora imitsi hamwe n’umuziki yarasiguye ko umuziki ushobora kwitiranwa n’ikiyayura mutwe ariko cemewe gisanzwe .
Reka rero tubabwire ukuntu uwo muziki ugereranywa n’ikiyayuramutwe ariko cemewe .Biroroshe cane n’ukuntu umuziki ugenda, nawe ugaca ujana nawo ntabindi,n’ukuvuga ubunyarutsi bw’iyo ndirimbo hamwe n’ukuntu ukurikira ivyo uriko urumva.
Floxella Karire
