IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mbonimpa asohotse ibitaro yakiriwe n’isinzi ry’abantu bahayagiza ko yatabaye (...)

Mbonimpa asohotse ibitaro yakiriwe n’isinzi ry’abantu bahayagiza ko yatabaye Uburundi

vendredi 3 Gitugutu 2014

Abantu isinzi nibo bagiye gusanganira Petero Karaveri Mbonimpa, bongera banamuherekeza gushika ku muhana iwe mu Carama, mu gisagara ca Bujumbura. Akanyamuneza n’imvyino zo kumushigikira nivyo vyabaranga.

Nk’igihe c’isaha zitanu zirenga iminota mike, niho Petero Karaveri Mbonimpa yasohoka ibitaro BUMEREC. Imbere y’uko ataha, yabanje guca gusezera abaganga bamuvuye, yongera anasuhuza abo bahora barwariye hamwe. Umuryango, abo mu mashirahamwe atandukanye adaharanira ivyicaro vya poritike, abo mu migambwe itavuga rumwe na Reta, urwaruka rutandukanye, abashingwamanza bamuburaniye, abatwara amapikipiki, amakinga, n’abandi bari bakubise baruzura imbere y’ibitaro BUMEREC. Baciye bamuherekeza gushika ku muhana iwe mu Carama, bagenda bavuza amahoni n’indirimbo zo kumuhayagiza ko yatabaye Uburundi.

Urwo rugendo rwahereye ku bitaro BUMEREC, baca impande y’ikiyaga Tanganyika, ihinguriro Brarudi, baduga kw’isoko kwa Siyoni gushika ku muhana iwe. Aho yagiye aca abanyagihugu bari ku mabarabara barangwa n’akanyamuneza bamwipfuriza gukomera.

Bashitse ku muhana iwe, Petero Karaveri Mbonimpa n’ibigumbagumba vyinshi yaciye ashimira abo bose bamufashije, ndetse arashimira n’Imana kuko mu vyatumye ahanini arema ari ijambo ryayo, akaba yabasomeye izaburi ya 27 avuga ko ariyo yamuremesheje. Ariko rero Petero Karaveri Mbonimpa aravuga umwe mu karwi k’abantu kamwipfuriza inabi, yavuze ko hako bomubona atashe muhira bopfuma bamubona ava muri BUMEREC aja ku Mpanda. Petero Karaveri Mbonimpa amusaba kuryumako. Ariko avuga ko n’ubu ata bwoba bimuteye kuko umwansi agucira icobo Imana ikagicira icanzo, abamwifuriza inabi nabo avuga ko aribo bagiye kugira ubwoba. Agirako avuga ko ivyo yashikirije atarira busema kuko MONUSCO yaraye ivyemeje ko abo yari yavuze nabo bariyo. N’ubu rero, avuga ko atagiye kwicara, ahubwo agiye kubandanya kuko yarabonye ko ashigikiwe.

Pacifique Ninihazwe nawe yaserukiye ayo mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike arashima kubona Petero Karaveri Mbonimpa yasohotse ibitaro, ariko asaba ko umutekano wiwe wokingirwa muri kino gihe.

Tubibutse ko Petero Karaveri Mbonimpa yari yapfunzwe mu kwezi kwa Rusama, mu nyuma akikwa n’amagara aca arungikwa mu bitaro Bumerec, akaba yari amaze amezi ane n’iminsi 20 atari kumwe n’umuryango wiwe.


Floxella Karire

Messages

  • God is good.ivyukora niyo bizotuma imana ikurinda .ntanahamwe umwansi azakuronkera .kuko urinzwe ni mana.

  • Ikomerere mutama w’Imana,abakwanka bakwandureko!Iyagateretse n’iyo yonyene ikamena!Igikomeye nosaba n’uko umutama PCM akwiye kuba hange cane kuko ibinywamaraso bimaze kumera nk’imbwa zasaze ntaco zikibanga.Imana ikurinde.

  • In a lot of people’s like you guys,you all of you’re playing with crazy bomb!

  • Nifuzakumenya vyuyumubambw urikubutegetsi vyuwiyemej gukorera beneburundi kwarayamaganya atagirizina nabantu gupfa atacamira nuwugiz cavuga bamuhereza muriyompi atanogusamba kugiranicaha gitum kimwagira nuwugiz cakoz kunezayigihugu abivugira kumusaga nivyobamwagiriza bidafash nagato ahuko bogira amatohoza bamenyeko vyobamwagiriza kwarivyo cank kwatarivyo nayandimakosameshi akokwa nubutegetsi mbwibujumbura burihagati yinkewa zirikurushi ndizeyeko muburundi hazogera gih ubutungan bukigenga butagikora kugitsur nahobirikur nkukwezi bizoshika harabenegihugu beshi bifuzako hoba igihinduka kuburundi?

  • Ihinduka kuburundi mumwaka musha twiteguriy kwinjira wa 2015 kowoba ihinduka kubategetsi bashaka gufata kuburundi aricibar cabo nabaribajejw guhana abobos bashaka kwifatira abarundi mugahanga akabaribo babashigikira mumafuti atagirizina nkasabako abafis cobofasha kuburundi kugira habihinduka kubenegihugu cuburundi nkabandamIhinduka kuburundi mumwaka musha twiteguriy kwinjira wa 2015 kowoba ihinduka kubategetsi bashaka gufata kuburundi aricibar cabo nabaribajejw guhana abobos bashaka kwifatira abarundi mugahanga akabaribo babashigikira mumafuti atagirizina nkasabako abafis cobofasha kuburundi kugira habihinduka kubenegihugu cuburundi nkabandamIhinduka kuburundi mumwaka musha twiteguriy kwinjira wa 2015 kowoba ihinduka kubategetsi bashaka gufata kuburundi aricibar cabo nabaribajejw guhana abobos bashaka kwifatira abarundi mugahanga akabaribo babashigikira mumafuti atagirizina nkasabako abafis cobofasha kuburundi kugira habihinduka kubenegihugu cuburundi nkabandamIhinduka kuburundi mumwaka musha twiteguriy kwinjira wa 2015 kowoba ihinduka kubategetsi bashaka gufata kuburundi aricibar cabo nabaribajejw guhana abobos bashaka kwifatira abarundi mugahanga akabaribo babashigikira mumafuti atagirizina nkasabako abafis cobofasha kuburundi kugira habihinduka kubenegihugu cuburundi nkabandamuhay ikaz

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.