IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mbuye : Inkoho yafashwe yaheruka kwibwa umuporisi

Mbuye : Inkoho yafashwe yaheruka kwibwa umuporisi

vendredi 18 Mukakaro 2014

Igiporisi gifashanije n’abajejwe intwaro muri komine ya Mbuye, carafashe inkoho yari yibwe umuporisi wo ku kirindiro ca Mwegera.

Iyo nkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov ikaba yari yibwe uwo muporisi haraciye igihe c’amezi abiri, ubu akaba yari amaze ico gihe cose apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Muramvya. Uwo yari yivye iyo nkoho, akaba yaciye ahunga, ariko igiporis gifasanije n’abajejwe intwaro n’abanyagihugu, bakaba bariko baramurondera.

Mukamenya ko mu ntwaro bavuga ko umutekano muri iyo komine ya Mbuye isanzwe iri mu ntara ya Muramvya wifashe neza, kiretse utugorane tw’indyane z’amatongo ducamwo. Ahandi, abanyagihugu n’abajejwe intwaro bakaba bakorana neza, ari naco gitumabizera rwose ko uwo musuma yari yivye inkoho y’igihugu azofatwa agashikirizwa ubutungane.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.