Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo (...)
 Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo guherayo
 Misiri : Abandi bayoboke ba Morsi 230 baciriwe umunyororo wo guherayo
				
				jeudi 5 Ruhuhuma 2015, par
Sentare y’ i Kayiro mu Misiri yaciriye umunyororo wo gufungwa ubuzima bwose abayoboke ba Morsi bashika ku majana abiri na mirongo itatu, muri abo hakaba harimwo umwe mu bari ku mutwe w’imyiyerekano yatumye ubutegetsi bwa Hosni Moubarak butembagazwa.
 
Uwo mugabo yitwa Ahmed Douma yagirizwa icaha co kuba yaraturiye inyubakwa idasanzwe yaho muri  Misiri yabikwamwo ibitabo bikomakomeye. Sentare ikaba yamutegetse kuriha ihadabu ry’imiriyoni 2 n’ibice bibiri vy’amadorare.
Iyo sentare kandi yaciriye urubanza rwo gufungwa imyaka cumi abana b’imiyabaga batari bwakwize imyaka cumi n’umunani, abo nabo  bakaba bagirizwa kuba bari mu migumuko, nabo bagatana mu mitwe n’abajejwe umutekano muri Kigarama umwaka w’2011.
Tubibutse ko ku munsi wa mbere naho abagera kw’ijana na miringo umunani na batatu nabo bari baciriwe igihano co gupfa, bagirizwa kuba barishe abapolisi 13 mu kwezi kwa Myandagaro umwaka w’2013 ahitwa Kerdassa i Kayiro.
Twobamenyesha kandi ko kuva ubutegetsi bwa Mohamed Morsi butembagajwe, abayoboke biwe 1400 nibo bishwe mu migumuko. Abandi bari muri iyo migumuko bashika ijana baraciriwe urubanza rwo gupfa, abandi bashika 15000 barapfungwa.
Floxella Karire

Messages
6 Ruhuhuma 2015, 04:49, par J-F
Muzi KO Imana Ibaho? Mureke kwicana kuko muri Bamwe. Imana izobabaza iti Ninde yakwirikiye Amabwirizwa yanje? Uzokwishuri iki?