Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri : igisirikare kiragabisha ku myiyerekano yateguwe inyuma (...)
 Misiri : igisirikare kiragabisha ku myiyerekano yateguwe inyuma y’amasengesho
 Misiri : igisirikare kiragabisha ku myiyerekano yateguwe inyuma y’amasengesho
				
				vendredi 16 Myandagaro 2013
Abayisiramu bo mu Misiri baremeza ko bateguye imyiyerekano kuri uno munsi wa gatanu, inyuma y’amasengesho. Bamenyesha ko abaza kwitaba iyo myiyerekano baza kuza bava mu misigiti irenga mirongo iatu iri i Kayiro mu gisagara ca Misiri.
Kuri uno munsi, ntiberekeza mu kibanza ca Rabaa al-Adawiya, ariko baja mu kibanza ca Ramsès, mu gisagara hagati.
Iyo myiyerekano ihava iba uno munsi inyuma y’amasengesho yatanguye kuvugwa kuva ejo kuwa kane mw’ijoro. Nk’uko abariko barayitegura babimenyesha, ni nk’intambara igira itangure hagati y’abajejwe umutekano n’abanyagihugu. Kubwabo rero, bashaka kwerekana ko nabo bashobora kwirwanira.
 
- Abagiye ku maziko y’uwabo yahitanwe n’imigumuko
Ku ruhande rw’abategetsi, baragabisha abo banyagihugu bashaka kwihereza amabarabara. Bamenyesha ko abasirikare n’abapolisi badahava batinya kurasa hakoreshejwe amasasu y’ukuri, umuntu wese aza kwegera ahari inyubakwa za Leta. Mukamenya ko abajejwe umutekano bamaze guhabwa uruhusha rwo gusohora amasasu umwanya uwariwo wose bibaye nkenerwa.
Kuva muri kano gatondo, ibiduga vya burende nivyo biguma bigendagenga mu gisagara.
Ivyo biri uko inyuma y’aho igisirikare gikoreshereje inguvu mu gukura mu kibanza carimwo abayoboke ba Mohamed Morsi yakombowe ku butegetsi n’igisirikare co mu Misiri. Mu mishamirano yabaye muri uwo mwanya, abarenga 500 nibo bahasize ubuzima.
 
- Bamwe mu banyagihugu baguye mu mishamirano
Egide Nduwimana
