IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Misiri : Imyiyerekano yo gushigikira umukuru w’igihugu Mohamed (...)

Misiri : Imyiyerekano yo gushigikira umukuru w’igihugu Mohamed Morsi

dimanche 2 Kigarama 2012

Abantu ibihumbi n’ibihumbi barihaye amabarabara i Kayiro mu Misiri no mu bindi bisagara vyo muri ico gihugu, kugira bashigikire Prezida mOHAMED Morsi ku ngingo aherutse gufata y’uko amategeko yose yo muri ico gihugu agiye kwisunga idini rya islam.

Muri abo biyerekana hari higanjemwo aba frères musulmans ari nabo Prezida Mohamed Morsi yamukamwo, aba salafistes. Aho, bagenda batumbereye Kaminuza y’i Kayiro aho abasirikare bari bagavye kugira batabare biramutse bikenewe.
"Dushaka ibwirizwa shingiro, abanyagihugu bashaka amategeko y’Imana". Ayo ni yo majambo abari mu myiyerekano bagenda baravuga.

Ku vyandiko bari bitwaje hari handitse ngo : "Twese , turikumwe naMorsi duhagararire ukwibohoza".
Iyindi myiyerekano yo gushigikira Prezida Morsi yari yatunganijwe kuri uyu wa gatandatu n’i Alexendrie, hamwe no mu gisagara ca Assiout.
I Kayiro, umwe mu biyerekana yarahasize ubuzima kuri uyu wa gatandatu, 24 nabo barakomereka, abo baguweko n’ igiti.

Ku wa gatanu buca iyo myiyerekano iba, irindi sinzi ry’abantu ryari ryakoraniye i Tahrir, aho ryiyamiriza itegeko bwirizwa rya Prezida Morsi rigabanya uburenganzira ubucamanza, rigaha ububasha burenze umukuru w’i gihugu.
Abatavuga rumwe n’ubutegetsi nabo nyene bariyamiriza ukwihutisha integuro y’ibwirizwa shingiro rigiye gutorwa mu ndwi zibiri gusa.

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu, abagize urwego rw’inama nshingamateka bategerezwa kuba bashikirije integuro y’itegeko aho ryemejwe abakirisu n’abo ataho begamiye mu vy’amadini basohotse.

Amnesty international, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu kw’isi, rimenyesha ko rihagaritswe umutima n’integuro y’iryo bwirizwa shingiro.
Iryo shirahamwe rivuga ko ata ngingo n’imwe ikingira agateka k’umukenyezi eka ngo n’ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro ku mashengero ntakibanza.


Ndayikengurutse Jean Michel

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.