Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Misiri: umukuru wa Freres Musulmans arapfunzwe
 Misiri: umukuru wa Freres Musulmans arapfunzwe
 Misiri: umukuru wa Freres Musulmans arapfunzwe
				
				mardi 20 Myandagaro 2013
Indongozi y’umugambwe Freres Musulmans mu gihugu ca Misiri Général Guide Mohammed Badie yafatiwe mu nzu iri Nasr City ku murwa mukuru Cairo, nk’uko abategetsi babivuga.
BBC dukesha iyi nkuru imenyesha ko Badie yari yarinyegeje kuva hasohotse umutahe wo kumufata ku vyaha vyo guhamagarira abanyagihugu kugumuka no kwica.
Abategetsi bihuse gusohora amasanamu ku mboneshakure amwerekana ari mu munyororo, akaba aboneka nk’umugabo arushe w’imyaka iri hagati na hagati, yamoye neza ubwanwa bwiwe bw’imvi.
Igisirikare gishaka kugaragaza aho intsinzi yaco igarukira ku bayoboke ba Freres Musulmans.
Mu Misiri ubu hakora amategeko y’igihugu kiri mu ntambara abitwaza idini rya Islam batemera itembagazwa ku butegetsi rya Mohammed Morsi n’igisirikare bakaba bariko barahigwa. Imishamirano ikaba imaze guhitana abantu bashika 900.
Haraheze iminsi ibiri, ku munsi wa mungu, abitwaza idini rya Islam bari mu myiyerekano barapfiriye mu muduga ubajanye mu munyororo i Kayiro.
Prosper Ndayikeza
