IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Misiri yemeye gufasha gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura

Misiri yemeye gufasha gusubiramwo isoko nkuru ya Bujumbura

dimanche 17 Ruhuhuma 2013

Intumwa z’igihugu ca Misiri (Egypte) zigizwe n’abahinga mu vyo kubaka zaragendeye ahahora hari isoko nkuru ya Bujumbura itaracika umunyota. Zavuze ko zatumwe guharura ivyononekaye hanyuma igigu ca Misiri gice gifasha mukubaka isoko y’akarorero. Bari barongowe n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara.

Izo ntumwa z’igihugu ca Misii ngo zigizwe n’abahinga karuhariwe mu kubaka amazu. Zashitse mu bisigarira vy’icahoze ari isoko nkuru ya Bjumbura kuri uyu wa gatandatu isaha zitandatu z’umurango. Zarayizungurutse yose.

JPEG - 8.5 ko

Zirangije kwirabira ingene ibintu vyose vyacitse umunyota, Madgy M Amer icegera c’uwuserukira Misiri mu Burundi, yamenyesheje ko bazanywe no kwirabira hamwe no guharura ivyononekaye agaciro bifise kugira ico gihugu gifashe mu gusanura iyo soko nkuru ya Bujumbura.

Yamenyesheje ko igihugu ca Misiri ciyemeje gufasha mu buryo bwinshi kugira hasubire hubakwe isoko ya kijambere kandi y’akarorero. Ntagitigiri c’amafaranga canke ibikoreshe yavuze, ngo kuko bataraheza guharura neza ibikenewe, ariko yavuze igihugu ca Misiri kizoja imbere mu gutanga vyinshi mubikenewe.

Mdgy M Amer yavuze ko bibabaje kubona isoko nkuru ya Bujumbura isha igatokombera kandi ari nayo mutima w’ubutunzi bw’igihugu.

Aho ni mugihe umugwi ujejwe guharura ivyononekaye umunyesha washoboye kwandika abadandaza barenga gato 7000 bahaburiye ivyabo hamwe n’ibidandazwa vyahiye.

Izo ntumwa z’abahinga bo mu gihugu ca Misiri zari zirikumwe n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara. Ninawe yaheruka mu rugendo muri ico gihugu, akaba yaboneyeho akaryo ko gusaba ko igihugu ca Misiri cofasha. Bamenyesheje ko muminsi ya vuba bazoshikiriza idonido y’ivyo bazofasha kugira hasubire kubakwa isoko nkuru ya Bujumbura


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.