Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama
 Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama
 Mohamed Morsi azokwitaba ubutungane ku wa 9 Kigarama
				
				mardi 12 Munyonyo 2013
Uwahoze ari umukuru w’abafrere musulmans, Mohamed Badie Morsi hamwe na bamwe mubari mu bakuru b’uwo muhari w’abislamu, bazorenguka imbere y’ubutungane kw’igenekerezo rya 9 Kigarama kugira biregure kuvyo bagirizwa kuba baratumye hagandagurwa abari mu myiyerekano (incitation à la violence et au meurtre de manifestants) mu kwezi kwa Mukakaro, nk’uko vyamenyeshejwe kuri uno w’Imana na sentare yo muri Misiri.
Sentare y’intango y’i Kayiro yamenyesheje ko Mohamed Morsi hamwe na bamwe mu barongozi b’abafreres musulmans bategerezwa kwitaba bisigure ku birego bagirizwa ko batumye kugandagura abariko bagira imyiyerekano.
Abantu 5 akaba aribo bitavye Imana, hamwe n’abarenga 100 bakomeretse mu mishamirano yo mu kwezi kwa Mukakaro muri uno mwaka hagati y’abashigikiye  umukuru w’igihugu Morsi, hamwe n’abajejwe umutekano.
Mohamed Morsi Badie afise imyaka 70 yahagaritswe ku genekerezo rya 20 Myandagaro mu gihe haba imishamirano hagati y’igisirikare hamwe n’abayoboke ba Morsi.
Morsi yatembagajwe ku butegetsi hanyuma aca arahagarikwa n’igisirikare.
Floxella Karire
