IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > MONUSCO yemeje ko yabonye abasirikare b’abarundi i Kiliba

MONUSCO yemeje ko yabonye abasirikare b’abarundi i Kiliba

vendredi 3 Gitugutu 2014

Igisata c’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo (MONUSCO : Mission des Nations unies au Congo) cemeza ko hari abasirikare b’abarundi bakorera aho muri Congo, mu karere ka Kiliba.

MONUSCO ivuga ko abategetsi ba Congo bemeza ko abo basirikare b’abarundi batari aba vuba aho mu karere ka Kiliba, kandi ko bari kumwe n’abasirikare ba Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, bahora bakorera hamwe ibitero ku barwanyi biyitirira aba FNL (Forces Nationales de Libération). N’aho Reta y’Uburundi yabandanije guhakana ko ata basirikare bayo bari aho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Général Abdallah Wafi, icegera c’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo aremeza ayo makuru.

JPEG - 96.3 ko
Général Abdallah Wafi, icegera c’intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo

Mu gisirikare c’Uburundi ntibahakana ko hari abasirikare b’abarundi igisata MONUSCO coba carabonye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, ariko bakemeza ko bagendayo mu masezerano ico gihugu gisanzwe gifitaniye n’Uburundi, yo kurwaniriza umwansi hamwe n’ugucungera imbibe z’ivyo bihugu vyompi. Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi arahakana ibivugwa ko abo basirikare b’abarundi bagirira imyimenyerezo ya gisirikare aho muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo. Aganira n’ikinyamakuru IGIHE, Colonel Gaspard Baratuza yasiguye ko ibibanza abasirikare b’Uburundi bagiriramwo imyimenyerezo biri ku gataka k’Uburundi, ko bagiye hanze y’igihugu baba bagiye mu kugarukana amahoro aho batumweko, canke bagiye mu bindi bikorwa vya gisirikare.

JPEG - 16.9 ko
Colonel Gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi

Egide Nduwimana

Messages

  • ngo claver ngarabesha!nimbonerakure ziriyo.ahubwo nibamwuhagire kumucafuza agafungigubusa.ntiwumva kwavyiyemere gaspald yibage iva mukanwa kanyeneyo.

  • Ivyi wacu muri africa biratwengeje ariko wibaza ko barya basoda bavugwa n’abantu bose boba batari miri congo none bose boba ababeshi, nayo gouvernement ya congo niyaba yiyumvikaniye na bategetsi ba bujumbura ngo ntibavuge ivyo babona none yovuga iki kombona urugufakafukana gusa mumabi, nasomye uyu munsi ingene KAGAME NA MUSEVENI bagompa guherekeza uhuru i la haye natwenze ndahwera none abo bantu boba bazi ivyabaye muri kenya none boba ari aba kenyan ariko ga mana isi iragowe nukuri.

  • Ko Gaspard Kare Arahira Akarerwa Ko Atakirobri Kihari,abo Ba FNL Barwaniriza Hamwe N’abaki? Abo Ba FNL Barwanya Congo N’uburundi Icarimwe Canke Kimwe Murivyo?Turindire Ukuri Kuzoteba Kumenyekana Tu!!!

  • None gayemwe ko leta yuburundi iguma ihakana ivyo yagirizwa nukuvuga ko bose banka uburundi umve turasavye abovyega kurekura PIERRE CLAVER MBONIMPA kuko ivyo yavuze vyose nukuri

  • Ntimubona ko ukuri gutinda kukagaragara col ntiyarahira ko ata musirikare w’uburundi ari i kongo none ntavyiyemereye icese nivyo mutama Leonce avuga bizogaragara bidatevye barundi turacagowe kabisa

  • Hahahahaa tubabwira ko isi yabahagurukiye bagaharira bamwe!! Ndibaza murahejeje kwiyumvira ingene. ONU ibamaramaje na Gaspard aciye avyica aranavyemeje hahhaha nimureke rero mwumve ikizokurikira ndazi nizindi ngingo zizofatwa hasigaye Ndayicariye ashaka kwibira amatora aboba DD nawenyene baramuhagurukira akora ivyatumwe naba DD

  • None ninde yatumye Mbonimpa kumena amabanga yigisirikare ? ibihugu vyiyumvikaniye kurwaniriza umwansi hamwe ikibi kirimwo ni icahe ? hariho amabanga atari ayo mwibarabara.

  • Abarundi rwose ndabazi murajijutse rekagufata ibihugu byunvikanye ko bifashyanya ngomuhave mugeranya nabimwebyiwacyu Tijuana Congo kurwanya ingabizaho nogushyigikira inyeshyamba zirwanya Leta.

  • Ivyo nibisanze nimba bariyo leta ya congo irabizi kandi ntamyimenyerezo iriyo imwe mubesha ngo ni imbonerakure.none izo mbonerakure nizo MOnisco ibabwiye?ntabwo ibabwiye ko abajayo bagenda kumasezerano ya congo?none birya Mbonimpa canke Mbonimbwa aba avuga nibiki?

  • Mbega nyamizi acimanza zimeze gute?canke aca utwacokeza munda yiwe?.kaburungu weee!!kukundakwitimbere mukuvugira dd aho imisozi ntiyokumira ntubonako abuvugiranabo babuze iyo banyikana?uwise umunyabwenge yabonye izubariserutse azakuripfuka urushi .dd,,,gaspard,,,nyamizi, muvuga mbonimpa abesha? Murhinyuje budakeye nakabiri. Nibindi bizomenyekana .hasigayekomucira urubanza onu nayo yavyemeje

  • Basokuru ngo Ijambo rya mukuru rirateba ariko rigashika,ehe da bibiviriye,mukanwa,Imyaka niyindi irashize,ubutegetsi bwose bwo muburundi,bukoreramabi abanyagihugu buka beshera,ba murere,ngo inyankaburundi,ngo Abasaya,abakosanti,abapalipe hutu ,aribo bashikiriye izina rya :FNL,ariko,Imana irabibona,kandi umwana yankwa niwe akura,Rurema Yatanze Yosuwa ngo ahagararire FNL yayo iguma irenganywa,none ataranahaguruka,amajwi avuye hirya nohino atanguye kuyiburanira(FNL)mbere n’uwarajewe kuyivuma,atanguye kuyiburanira.ese mvuge ngo:umuti wabafashe?oya yamara ngiranti:Uhoraho we!!gwana n’abangwanya,burana n’abamburanya.

  • Icotwashaka kwarukumenya ukuri nkibihugu vyateye imbere barucira kumugaragaro apana ngaho bazica biyugaranye nivyovyo guca imanza biyugaranye birakwiye guhinduka kuko baryabazica ntambwenge basumvya abandi uretse ikibi kirimuribo gusa

  • Jewe numva ari uburenganzira bw’igisirikare c’uburundi, gukorana na FARDC kandi kawayida mu mpisho...I buganda n’i rwanda biraba, muri america barabikora, check syria, irak...biremewe rero kubikora mu mpisho...ariko ntimuca mujaniranya ngo hariyo entrainement rebel.., kugeza ubu hazwi fnl ya nzabampema na fronabu ya sinduhije.., komera

  • ARIKO MANA URA KINGIRA IGIHUGU CAWE !!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.