IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mpimba : Abanyororo bavyuwe n’abariko babomora imiryango y’aho (...)

Mpimba : Abanyororo bavyuwe n’abariko babomora imiryango y’aho baryama

lundi 28 Ndamukiza 2014

Mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira kuwa mbere habaye akajagari kadasanzwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Abapfungwa bajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba baruguruye ku nguvu ahapfungiwe bamwe mu banyororo, baca bahindurira ibibanza abaheruka kwungururizwa aho mu Mpimba bavanwe mu yandi mabohero.

Nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo ku munsi w’ejo kuw’Imana, abajejwe umutekano w’imbere mw’ibohero rikuru rya Mpimba bitwa aba Généraux, bari kumwe n’abandi banyororo bita sombasomba, barongowe n’uwitwa Claude wo mu mugambwe CNDD FDD asanzwe aba ahitwa "quartier pour mineurs et adultes" aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba, barateye mu bibanza bipfungiwemwo abanyororo bagenzi babo, bafise amashoka n’ibihiri babomoje amagufuri y’imiryango yinjira muri ivyo bibanza.

Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba amenyesha ko uwo mudurumbanyo waheze nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro, inyuma y’amasaha abiri abo ba Généraux bariko bararirimba, bakaba mbere baranaduze hejuru ku mabati. Ayo makuru avuga ko abariko barahigwa ari abanyororo b’aba FNL baheruka kuvanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba, bungururizwa mu Rumonge n’i Bururi, ubu naho bakaba bagarukanwe mu Mpimba. Nk’uko ayo makuru abandanya abimenyesha, hoba hari umugambi w’ukubagiriza ko badurumbanya umutekano bari kumwe n’abanyororo bo muri MSD, kugira bungururizwe mu yandi mabohero yo hagati mu gihugu.

Aho mw’ibohero rikuru rya Mpimba, inyuma y’ivyo vyaraye bibaye, abanyororo batekewe n’ubwoba kubw’ako kajagari katumye n’imiryango yugara aho barara ibomoka. Gushika mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, abanyororo bari bacugaranye, bikavugwa ko abo bafashwe ejo baharurwa muri 20 bapfungiwe mu kibanza abanyororo basanzwe bakiriramwo abaje kubaramutsa.

Twagerageje kurondera umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba, OPC1 Bruno Niyonzima kugira atange umuco kuri ako kajagari kibonekeje mw’ibohero arongoye, ariko ntitwashoboye kumuronka. OPC1 Bruno Niyonzima, umuyobozi w’ibohero rikuru rya Mpimba yabwiye uruganda rw’itohozamakuru rw’ikinyamakuru IGIHE ko ari mu nama.


Egide Nduwimana

Messages

  • Ako sakamaramaza ga bantumwe aho none ababijejwe barafise imyigovyoro . Kotwese tuziko abo bantu batiyadukijearabatumwe.sabira igihugu c’uburundi kimerewe nabi bakunzi babwo.

  • Aboniko bama ahobabuze ukuntu babicira munzira musanzwe muzi ukuntu abantu babakura mumpimba bajakubicira mubindi bice vyigihugu ugiye kuraba uwaw bakakubwira kobamutwaye mukandi gasho ukazokwiragira hose ukabura bamwe baza kubata mumasoko mubisagara ibiziga ntibisibwa gutorwa ahorero nabo mutaravye neza barakurwangaho bajekwicwa ubutegitse ba dd burakwiye kwikebuka ejo burakeye nabo babereke

  • mbega uwutwara impimba turazi ko abizi kandi ashigikiye izo mbonera kure. turafise abantu beshi bazimiye bari mumpimba tuzokwitwarira uwurongoye MPIMBA IMBERE y’ubutungane kuko yarafashije kw’ica,gutorokesha,kandi nivyabona tuzoba tubifise mubahora muba DD Nivyavuzwe vyose ,namasanamu.ubutungane buzoruha bukore biteba bitebuke .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.