IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bagiye kuronswa amazi meza

Mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura bagiye kuronswa amazi meza

mercredi 7 Myandagaro 2013

Igihugu c’Ubuholande kigiye gufasha mu mugambi wo kuronsa amazi amakaratiye yo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura.
Ayo masezerano hagati y’igihugu c’Ubuholande hamwe na Leta y’Uburundi yateweko igikumu kuri uno wa mbere igenekerezo rya 5 Myandagaro 2013.

Amasezerano akaba ahagaze ku migambi ibiri, umwe n’uwo kuronsa amazi meza amakaratiye yo mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura hamwe n’iyubakwa ry’ahantu hogutororokanyamwo umwavu uva muma kartiye yo mu gisagara ca Bujumbura.

Aho hantu hazotabwa imicafu hazokwubakwa ku Muzinda muri komine Mpanda mu ntara ya Bubanza. Amahera yatanzwe akaba agera ku muriyoni w’amafranga y’amanyaburaya, ni ukuvuga imiriaridi 2 z’amafranga y’amarundi.

Ibura ry’amazi muma karitiye yo ku mpera z’igisagara na cane cane mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura si agaseseshwa rumuri. Nk’akarorero muri komine ya Musaga, indwara ya cholera yama yiyerekanye buri mwaka bivuye ku kubura amazi meza.

Aho hantu hazotabwa iyo micafu haje hageze kuko ahari hasanzwe hagenewe ico gikorwa mu gisagara ca Bujumbura mu Buterere ntihari hakwijije ivyankenerwa.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.