IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ukutumvikana kudasanzwe nikwo kuboneka mu buyobozi bwa REGIDESO

Ukutumvikana kudasanzwe nikwo kuboneka mu buyobozi bwa REGIDESO

mardi 21 Nzero 2014

Ishirahamwe REGIDESO risa n’iryadohotse kw’ibanga ryo gufasha abanywanyi baryo, mbere hoba hari ukutumvikana mu bayobozi baryo bakuru bakuru, kimwe mu bituma ibikorwa bisa n’ivyazingamye kuko umwe wese arondera inyungu ziwe.

Kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 21 Nzero 2014, mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) bahaye ikiganiro abanditsi n’abamenyeshamakuru. Muri iryo shirahamwe ryishinze kurwanya igiturire n’abanyonyeza amatungo ya Reta bavuga ko bababajwe n’ibimaze iminsi bikorwa n’abakozi ba REGIDESO. Nk’uko vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME. Mu bisanzwe kare abakozi ba REGIDESO nibo bishikira ku muhana w’abanyagihugu b’abanywanyi, bazanye "Facture" y’amatara n’amazi yakoreshejwe. Ariko icibonekeza ubu n’uko umunyagihugu ariwe ategerezwa kuja kwisabira iyo facture, mbere aho usanga n’umwaka uheze gutyo rero bikavuna umunyagihugu muto muto kuko usanga amafaranga yakoreshejwe ari umurengera.

JPEG - 46.1 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Ikindi mw’ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques) banegura n’ibintu bimaze iminsi vyibonekeza aho abakozi ba REGIDESO barungika umunywanyi kuba ariwe aja kugura intsinga mu gihe yipfuza ko bamushiriramwo amazi n’amatara. Ishirahamwe OLUCOME rikibaza ibibazo vyo kumenya namba umunyagihugu asanzwe yoba afise ubushobozi bwo kwitorera intsinga zikwiye gukoreshwa, namba REGIDESO itoba yaradohotse kw’ibanga ryayo ryo gufasha abanywanyi baryo, mbega hadutse umucanwa muri ico gihe bizoja ku gatwe kande?

Muri iryo shirahamwe babandanya bavuga ko baherutse kuronka abantu baje babitura, bavuga ko basabwe kuriha amahera y’intsinga zo gukoresha ku mazu yabo, ariko icabatangaje n’uko basubiyeyo babarungitse kwironderera intsinga muri komine Buyenzi, ivyo rero muri OLUCOME bakabifata nk’ubunyonyezi. Muri iryo shirahamwe bamenyesha muri REGIDESO hoba hari ukutumvikana kudasanzwe hagati mu bakuru b’ishirahamwe REGIDESO. Uko kutumvikana kukaba kuva ahanini ku gupfa inyungu, aho umwe umwe wese yishimiriza inguvu z’umugambwe. Hari n’iyindi ngeso yo gutanga amasoko bidaciye mu mategeko. Gabriel Rufyiri mw’ikete yandikiye umukuru w’igihugu aratanga uturorero tw’amasoko yatanzwe adaciye mu mategeko.

Umukuru wa OLUCOME asaba ubuyobozi bwa REGIDESO gukora ibishoboka vyose kugira ibintu bisubire ku rutonde kuko umunyagihugu ariwe amererwa nabi. Asaba kandi abanyagihugu bose boba bararishe amafaranga kugira bahabwe amatara n’amazi ariko bakarungikwa kwigurira intsinga ko bokwitura ishirahamwe OLUCOME rikabafasha kubikurikirana.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.