Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa igitsina ciwe kubera ubushurashuzi
Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa igitsina ciwe kubera ubushurashuzi
lundi 26 Nzero 2015
Mu gihugu ca Tanzaniya havugwa umugabo yishwe atemaguwe, mu gihe yagirizwa ubushurashuzi burenze.
Uwo mugabo w’imyaka 31 y’amavuko akaba yagandaguriwe mu karere ka Katavi mu Bumanuko bw’ico gihugu nk’uko bivugwa n’igiporisi co muri ico gihugu. Abantu batanu bitwaje amahiri n’imipanga, bakaba binjiye aharara uwo yagandaguwe azwi kwizina rya Richard Madirisha, baca bamucagagura amaguru, amaboko hamwe n’igitsina ciwe. Igiporisi rero c’i Katavi kikaba kimenyesha ko abo bagizi ba nabi bahejeje kumucagagura ivyo bihimba, baciye basiga babicanye mu ziko, imbere y’ahaba uwo mugabo.
Kidavashari asanzwe arongoye igiporisi i Katavi akaba yavuze ko hari amwe mu matohoza yari yarigeze gukorwa, akaba yari yerekanye ko Richard Madirisha yari asanzwe ari karuhariwe mu gushurashura. Batatu kuri batanu rero bagandaguye Madirisha, bakaba bariko barabazwa mu giporisi ca Tanzaniya.
Aristide Nizigire
Messages
27 Nzero 2015, 13:24, par Ambu
Mbanje Kubaramutsa.Richard Madirisha Ntiyari Afise Umugore?
27 Nzero 2015, 14:45, par Marius
oya muraraba neza sico bamuhoy kuk gushurashura nuburenganzira bwaburi muntu kandi ivyo bihanwa namategeko y’Imana gusa!