IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa igitsina ciwe kubera ubushurashuzi

Tanzaniya : Yishwe abanje gucibwa igitsina ciwe kubera ubushurashuzi

lundi 26 Nzero 2015

Mu gihugu ca Tanzaniya havugwa umugabo yishwe atemaguwe, mu gihe yagirizwa ubushurashuzi burenze.

Uwo mugabo w’imyaka 31 y’amavuko akaba yagandaguriwe mu karere ka Katavi mu Bumanuko bw’ico gihugu nk’uko bivugwa n’igiporisi co muri ico gihugu. Abantu batanu bitwaje amahiri n’imipanga, bakaba binjiye aharara uwo yagandaguwe azwi kwizina rya Richard Madirisha, baca bamucagagura amaguru, amaboko hamwe n’igitsina ciwe. Igiporisi rero c’i Katavi kikaba kimenyesha ko abo bagizi ba nabi bahejeje kumucagagura ivyo bihimba, baciye basiga babicanye mu ziko, imbere y’ahaba uwo mugabo.

Kidavashari asanzwe arongoye igiporisi i Katavi akaba yavuze ko hari amwe mu matohoza yari yarigeze gukorwa, akaba yari yerekanye ko Richard Madirisha yari asanzwe ari karuhariwe mu gushurashura. Batatu kuri batanu rero bagandaguye Madirisha, bakaba bariko barabazwa mu giporisi ca Tanzaniya.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.