IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu gisagara ca Bujumbura amatara yo kw’ibarabara arageramiwe

Mu gisagara ca Bujumbura amatara yo kw’ibarabara arageramiwe

mercredi 9 Nzero 2013

Amatara aheruka gushirwa ku mabarabara amw’amwe yo mu gisagara ca Bujumbura kugira aboneshe mw’ijoro arabangamiwe n’abagendesha imiduga kuko baza barayagonga .Abanyagihugu bakaba bibaza uwujejwe gukingira no gukurikirana ayo matara na rirya afitiye akamaro kanini abanyagihugu.

Ntawuyobewe ingorane abiyunguruza mw’ijoro bagira mu gihe baca ahatabona kuko benshi bagira ingorane zo guhura n’abagizi ba nabi bikinga agahumbezi.Abanyagihugu bari bashimye ko igisagara gisigaye kibona ariko abagendesha imiduga batanguye kugonga ivyuma biriko ayo matara.Ntawuzi ko ababigonga babikora k’ukutamenya gutwara umuduga ,kubera akaborerwe canke ko babigira nkana.

Bamwe n’abandi bakaba bipfuza ko vyokingirwa abashwe bakoze amakosa nk’ayo bagahanwa.Ariko benshi bakaba bibaza uwujejwe gukingira ivyo vyuma vy’amatara n’uwubisubiriza igihe bihuye n’isanganya.

Ayo matara ava ku mishwarara y’izuba ari ku mabarabara amwe yo mu gisagara ca Bujumbura,nko kw’ibarabara ryitiriwe uwa mbere munyonyo no kw’ibarabara ryitiriwe umunyagihugu w’umurundi abonesha neza ku mugoroba.Ariko rero hafi y’uruzi Ntahangwa vyarononekaye biguweko n’ibiti vyahenutse kubera umuyaga mwinshi.

Abantu rero batembera mw’ijoro ari nabo babona akamaro ko kuba hari amatara ku mabarabara bipfuza ko ingingo zofatwa ku bagendesha imodoka bagonga ayo matara ,bagasaba igipolisi gicungera umutekano wo mw’ibarabara guhana bimwe vy’akarorero bisunze izo ngingo zizoba zafashwe.


Marie Claire Ingabire

Messages

  • None amategeko yokubahana ababigonze ko bavuze ngo bazoyashiraho azoza atana kimwe gisigaye kumwe kwamatara yafasha imiduga kubisikanya mu ma carrefour atanuwoba akimenya ko yigeze kubaho. Uburundi buzotera imber butevye tudahinduye ingingo ngo duhane ababigonga

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.