IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu gisagara ca Bujumbura ubuzima bwahagaze

Mu gisagara ca Bujumbura ubuzima bwahagaze

lundi 4 Rusama 2015

Kuri uno wa mbere ibikorwa ntivyaranguwe mu gisagara ca Bujumbura nk’uko vyahora. Inzu z’ubudandarizo zari zugaye, amabanki niko kwuko, amabarabara nayo yagaragara.

Mu kibanza gihagararamwo imiduga yunguruza abantu ibajana mu ma komine yo mu Buraruko n’Ubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, gushika isaha zitanu nta modoka nimwe yaharangwa. Abantu bake bari bahari bariko baritegura babika ivyabo kugira basubire mu mihana yabo.

Muri ico kibanza hashobora kuboneka gusa abaporisi bacunze umutekano ,abo nabo bari mu kibanza citwa Kiosque kiri hafi y’ahahora isoko nkuru ya Bujumbura, imbere kandi y’ikibanza citwa Bata ahadandarizwa amaterefone ngendanwa.

Ku mabarabara atandukanye, inzu z’ubudandarizo nka zose zirugaye. Aha ni nko kw’ibarabara ryitiriwe UPRONA aho ama mangazini yose yaba ayadandarizwamwo imiti canke impuzu biboneka ko yugaye acungerewe n’abanyezamu ayandi n’abaporisi.

Ikindi cibonekeza n’uko uruja n’uruza mu gisagara hagati rwagabanutse hakaba haboneka cane imodoka z’igiporisi hamwe n’izigisirikare.


Van Naris Mugisha

Messages

  • nkurunziza uriyemeje habe ville morte kubera inyungu zawe wenyine ?va i buzimu ujye i buntu wibuke indahiro warahiye imbere y imana nabashingantahe

  • Turasavye dushimitse umukuru w’igihugu agire ico akora ataruko ntituzokwemera kwicirwa nizara mu mazu umuryango wiwe udora tuzomusanga ikiriri ntazobituryana.

  • IZO YEGEREGERE MWISHYIZEMO ZIZOBAKORAKO,MUBINDI BISAGARA BYOSE BY’IGIHUGU UBUZIMA BURABANDANYA,KEREKA BUJUMBURA NIBA INTARA YIGENGA IKIYONKORA KUBURUNDI. ABABAHAMAGARIRA KWISENYERAKO BO BARIKWENJIZA AMA EURO/JOUR.

  • Ndababwirukuri bene data baba dede naho yogitwara hokwamakajagari nonarakenyeye yonone ivyo yakoze nukuntu yariyakoze vyiza nasanze murabo bakuru atwumundarimwo, bashaka ngoyonone nizina ryiwe nobayewe nobasengeye vyase nkanatanga ntitubabaja nkugutangura neza, ugaheza bavuma petero nkurunziza izina niryomuntu duterereze. Amsengesho wirangirize nez nicunahiro imana yaguhay ntuyishavuze siko???

  • Ndababwirukuri bene data baba dede naho yogitwara hokwamakajagari nonarakenyeye yonone ivyo yakoze nukuntu yariyakoze vyiza nasanze murabo bakuru atwumundarimwo, bashaka ngoyonone nizina ryiwe nobayewe nobasengeye vyase nkanatanga ntitubabaja nkugutangura neza, ugaheza bavuma petero nkurunziza izina niryomuntu duterereze. Amsengesho wirangirize nez nicunahiro imana yaguhay ntuyishavuze siko???

  • Nibimpa Dieudonne, nimba utar’umu DD w’imbete, nagomba nkumenyeshe ivyo utazi, Indahiro Nkurunziza yarahiye muri permanence, irateye ubwoba, s’ivyo uriko uravuga. Yiyemejeko atazohemukira abagumyabanga,ati ni nabahemukira j’accepte les malédiction de Dieu. Ivyo ntavyo uzi kandi si wewe gusa utabizi.
    Benshi ntibazi ico Uburundi buriko burazira
    Birondere kuri google "prophétie sur le Burundi" urabe ico babivugako.

  • muragabe barundi muriko mwisenyerako ,manifestation itariko iguha ibyomufungura hama ukaja mumabarabara abandi binjiza example intara zose ,Gitega ruyigi ngozi muyinga nizindi barafise amahoro ngaho Bujumbura muriko misenyereko,muraraba neza mugezanaho mubura ibyo mufungura muraabe sha rekana na politique muguma muhasiga ubuzima muao munyuma ntuzoronka nuguha isukari yabana baweee sha biragumiyo nyene iwanyu buja .

  • Nibimpa Dieudonne, nimba utar’umu DD w’imbete, nagomba nkumenyeshe ivyo utazi, Indahiro Nkurunziza yarahiye muri «permanence, irateye ubwoba, s’ivyo uriko uravuga. Yiyemejeko atazohemukira abagumyabanga,ati ni nabahemukira j’accepte les malédiction de Dieu. Ivyo ntavyo uzi kandi si wewe gusa utabizi. Ati:
    "Moi, NKURUNZIZA Pierre, honoré par le mouvement CNDD-FDD, pour le représenter dans les institutions, je jure devant Dieu le tout puissant, tous les Bagumyabanga ici réunis, de rester fidèle àl’idéologie du mouvement et de demeurer attentif en parole et en action pour le bien être de mes compagnons de lutte et àl’intérêt supérieur de tous les burundais. Je m’engage àadopter une attitude qui honore le mouvement et le peuple burundais. J’ACCEPTE LA MALEDICTION DE DIEU LE TOUT PUISSANT en cas de la TRANSGRESSION du présent testament »
    permanence, irateye ubwoba, s’ivyo uriko uravuga. Yiyemejeko atazohemukira abagumyabanga,ati ni nabahemukira j’accepte les malédiction de Dieu. Ivyo ntavyo uzi?

  • Twese tura barundi ariko nimba Imana yaguhaye ubwenge nk’ umuntu ibaze ivyoturiko turakora nivyo ibaze raba rero kuva mugitoto gushika kumugoroba nti turasohoka munzu niturarya ibaze nibiki mushaka ndakubwiri kintu rindira umunsi wo gutora uje gutora uwo ushaka nivyo arivyo vyiza oooooooooh barundi tugire ubwenge nuziko igihugu cacu ubu ko kima nutse kubera twebwe tugire ubwenge

  • nukuri uravye impande zose biragoye mbenabahe bitezeguheber abandi jwe nkumukunzi wuburindi bwacu naho ntarimuribwo ibiriko bibuberamwo bimbabaza gusumb abarimuribwo icotwokora nkabakunda uburundi twosenga imana yonyene akabariyo yicira urubanza p6 bd

  • leo hari abarundi benshi bumutima bazokwama bitanga kugira abatagira umutima nkawe babeho. jewe nibaza ko wewe uri umukeha bwenge. rero uburundi ntibugizwe n’abakehabwenge gusa, harimwo abaciye ubwenge. kandi burya igihe rwagasore yarwanira ukwikukira kw’abarundi, hari abarundi benshi bamubona nk’ umusazi uko uraba uno munsi, na ndadaye aharanira democratie hari abarundi batamutahura. rero ivyo ntibiduca intege, tugushira mu barundi bimbura kimazi nkawe, abazi ico bakora urugamba turarubandanya, kandi ni twamara gutsinda uzohindura imvugo, abantu nkamwe turazi ko muri ibivoruvo

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.