IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ubudagi :Umurwizatunga aheruka guhindura umuduga wiwe inzu y’ubutambiro

Ubudagi :Umurwizatunga aheruka guhindura umuduga wiwe inzu y’ubutambiro

jeudi 28 Rusama 2015

Umukenyezi w’umudagi yahora akora umwuga wo kwunguruza abantu, aheruka guhindura umuduga wiwe inzu y’ubutambiro. Iyo nzu y’ubutambiro itangaje, yinjiza amafaranga atari make, agera ku miriyoni amajana atanu y’amadolari y’Amerika, mw’ijoro rimwe gusa.

Barbus Maxi n’imodoka ifise ico yisangije idasa n’izindi modoka zisanzwe kuko yahinduwe ku buryo buhanitse, igasigara ari inzu y’ubutambiro ikora ijoro n’umurango, uwo muduga ukozwe mu bintu bikomeye cane kandi bizimvye vyo ngaho mubu Budagi. Uwo muduga urimwo naho batambira (piste de danse), aho bicara(salon), aho banywera bahagaze (comptoire) ububiko bw’inzoga (stock)aho kwihrera (toillette).

Muri kahise k’iyo modoka, wari umuduga usanzwe nk’iyindi yose yo kwiyunguruza, ikorera mu mabarabara, ariko uwo mupfasoni niho yaronka iciyunviro agitura abarwizatunga baho mu budagi, niho bafata ingingo yo kumuha ideni ry’ amafaranga azoriha mu mwaka umwe gusa, amaze kuyaronka, yaciye afata ya modoka arayisambura yose, asigaza uruhande rw’imbere (cadre intact) aca yubakirako iyindi nzu, ivyo bibanza vyose biyigize, ashiramwo amatara yakaka inyuma n’imbera, abahinga mu kuvuza umuziki bo ku rwego rwo hejuru, mu mezi ane yaratanguye.

Uwo mupfasoni w’umudagikazi yemeza ko amafaranga yari yakopesheje yayasubije mu kiringo kiri munsi y’ico yari yahawe, kuko, uwomuduga worohereza aba kiriya kandi uwinjiye ntiwipfuza kuwusohoka, kubera umunezero urangwamwo. abandanya amenyesha ko uwomuduga ushobora no gutembera harimwo abantu kandi , kenshi na kenshi ukunda kuba uri ahantu hashikira ingenzi, hakunda nokuba hateramiye abantu nko ku biyaga nahandi.


Bill NKurunziza

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.