IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga : Abari mu myiyerekano bagendana amasanamu atahora akoreshwa

Musaga : Abari mu myiyerekano bagendana amasanamu atahora akoreshwa

mardi 5 Rusama 2015

Inyuma yaho hari abagiye mw’ibarabara biyamiriza ikiringo kigira gatatu ca Petero NKURUNZIZA ,ubu naho muri komine ya Musaga bazanye umurindi mushasha nkuko vyasabwe n’abari mu mashirahamwe y’igenga n’imigambwe.

Abari mu myiyerekano muri iyi komine ya Musaga, bonyene nibo bayicungerera. urenganye ikambi ya Muha utera uja ku rya mbere rya Musaga, niho ubona ikirindiro c’abaporisi ubona bicaye munsi y’ibiti biboneka ko barushe cane, uharuye nk’imetero mirongo itanu, ubona ikirindiro c’abanyagihugu, baguma baririmba biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu , bafise ivyapa vyanditse :’’ Turanse ikiringo ca gatatu’’

Kuri ivyo vyapa , twasanze bifise umwe mu miyabaga yaho ku Musaga, yari afise ifoto iriko Abantu nka Petero Nkurunziza, Alain Guillaume Bunyoni, Adolphe Nshimirimana na Gervais Ndirakobuca batazira Ndakugarika, handitseko ko, abo aribo bapfukamye igihugu mu nda. Ubajije abo bari muri iyo myiyerekano, bakubwira ko abo bagabo aribo batuma amaraso aseseka, ndetse ko n’isesagurwa ry’ubutunzi aribo barikora.

Muri iyo komine ya Musaga rero, abanyagihugu baho bakavuga ko atacizere namba bafitiye abaporisi, kuko bavuga ko babarasa, ndetse bakanabatera amagerenade hamwe n’ivyuka vyokera. Imiduga y’abo mw’ishirahamwe croix rouge n’igisirikare niyo yonyene ibahaboneka hamwe n’abamenyeshamakuru gusa. Iyo komine yose ikaba itagira umuporisi ayicungereye, aho uyiheza, ugasanga abandi bicaye ku kiraro kigabura Musaga na Kanyosha.

Mwomenya ko n’igituro c’imiduga ija hagati mu gihugu mu ntara za Mwaro n’ahandi, ubu cungururijwe mu misozi ihanamiye iyo komine.


Bill Nkurunziza

Messages

  • Kubita izo mbunuza ,ariko murabatinye kweri abo bagabo barabahangayikishije bababujije gucinyiza umwana wumuhutu,nibahangame kungoma bigishe nabandi gukunda igihugu nkabo

  • igihe kizobabwira, Peter azobatwara mutamushaka ariko ntacyo muzomugira,nabari kubaha amajwi benshi baramaze kubavako kubera igihombo mubateje.

  • Quand même ! Mwosigura gute ingene imodoka iturirwa motif ngo yanse kubaha ku mikate atwaye ? ça c’est enfantin. None iyo ni mandat canke ni ubujura ?
    Et ces manifestations, sont elles pacifiques ? Hahaha, les autres pourraient dire que c’est vital.
    Je ne suis pas porte de malheurs mais ces gents méritent une correction que ce soit de la part des manifestants eux mêmes du fait que babambika urubwa et du Gouvernement du fait qu’ils ne sont que des délinquants. Nous condamnons avec toutes nos énergies ces actes de barbaries.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.