IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musaga : Amwe mu mazu yanditsweko amajambo yiyamiriza Général Adolphe (...)

Musaga : Amwe mu mazu yanditsweko amajambo yiyamiriza Général Adolphe NSHIMIRIMANA

jeudi 16 Ndamukiza 2015, par Egide N

Muri komine Musaga, hazindutse hibonekeza inzandiko zanditse n’irangi, abazanditse bakaba biyamiriza umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, hamwe na Général Adolphe NSHIMIRIMANA yahoze arongoye urwego rw’igendereza, ubu akaba ajejwe ingendo mu biro bikuru vy’umukuru w’igihugu.

Kw’ibarabara rya mbere rya komine Musaga, izo nzandiko zanditswe n’irangi zivuga ziti : "Adolfe i Laye, Omoka Nkurunziza".

Izo nzandiko ziri ku rugo rw’umwe mu bakuru w’ama karitiye, Buregeya Sipiriyano arongoye karitiye ya Gasekebuye, zikaba zanditswe ahakorera "Imprilove", hamwe no mazu y’ubudandaji abiri, ari hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri ku Musaga.
Abo bantu bataramenyekana baranditse ayo majambo nyene no mw’ibarabara ry’aho hagati y’ibarabara rya mbere n’irya kabiri ku Musaga.

Musitanteri wa Komine Musaga, mu gatondo ko kuri uwu wa kane, yahashitse nk’isaha zibiri, aho handitswe ayo majambo, akaba yamenyesheje ko izo nzandiko ataco zisigura, kuko ivyo vyanditswe vyama biriko biravugwa hirya no hino, ahubwo asaba ko abanyagihugu bandikiwe ku mazu bobifuta. Abo banyagihugu basaba ko Musitanteri wa komine Musaga yokwiga ikibazo c’umutekano wabo.

Izo nzandiko zabonetse kandi muri komine Buyenzi na Rohero

JPEG - 72.7 ko
Musitanteri wa Komine Musaga yahashitse aho handitswe ayo majambo

Egide Nduwimana na Cherif Nkeshimana

Messages

  • AHUBWO BANDITSE NABI IYO BANDIKA BATI: uburongozi bwose bwa nkurunziza na Cndd fdd mu Moomba bakatirwe urwo gupfa

  • Ahubwo babuze uwo bakinisha bakinisha uwo mugabo yahoze arongoye iperereza azobatohoza mbaka bamenye kandi bazogiringorane

  • Peter,Adolphe,Gelase nibomoke uburundi bigikunda ahandiho muragowe, harya mwaraje barya mwagirije ngo batutse umukuru wighugu. Mbega peter ni Imana? Rindira buca tuvyereka ....

  • ABO BANDITSE IVYO BINTU NIBAZAKO ARI MURI BABANDI BARI BATEGUYE IMYIYEREKANO KWIGENEKEREZO RYA 15-04-2015.KANDI NTIBITANGAJE KUKO NIKO BAMA!G.ADOLPH NUMUNTU WUMUGABO KANDI WINTWARI NAKOMERE TUMURI NYUMA.NYAKWUBAHWA PETERO NKURUNZIZA NAKOMERE NAWE NUMUNTU WUMUGABO,NUBU ISINZI TUMURI INYUMA KUKO NTAGUGUMISHWA NUBUSA!MBE ABO BAKORA IVYO BARAZIKO BARI MUGIHUGU ATWARA??AHO BINGANA NOGUTEMA IGITI WICAYEKO.

  • ABO BANDITSE IVYO BINTU NIBAZAKO ARI MURI BABANDI BARI BATEGUYE IMYIYEREKANO KWIGENEKEREZO RYA 15-04-2015.KANDI NTIBITANGAJE KUKO NIKO BAMA!G.ADOLPH NUMUNTU WUMUGABO KANDI WINTWARI NAKOMERE TUMURI NYUMA.NYAKWUBAHWA PETERO NKURUNZIZA NAKOMERE NAWE NUMUNTU WUMUGABO,NUBU ISINZI TUMURI INYUMA KUKO NTAGUGUMISHWA NUBUSA!MBE ABO BAKORA IVYO BARAZIKO BARI MUGIHUGU ATWARA??AHO BINGANA NOGUTEMA IGITI WICAYEKO.

  • ndabona yamyirekano bayirangjrije kumazu!!

  • @teacher batazira tindo
    Ivyo wanditse ndagushigikiye,wibagiye gusa kwongerako iyo ari quartier y’abatutsi bo mu mugamba bamaze abahutu mu ma villes mortes ,rien d’étonnant,peter,adolphe n’abandi ntibahava,tubari inyuma,ntitugeza kubanka naho hoza ba léonce na ba onésime amajana,tubatange dusigarane nde?Muracababona ntaco muzobagira!bo ahubwo nibaje mu rwanda canke afrique du sud,Hihihihiiiiiiii uyo nyene iyo nzu bamufate arazi ababikoze!

  • abo banditse ivyo nibaza ko ari masturbation politike ndibuka muri 1990 palipehutu ivyandika nirangi mwibarabara ryikaburimbi,kuko nari umunwanyi, je rero ndabibona ibisanzwe

  • abo batutsi nibatekerez bemer abahutu babatwar ivyonavyo bandika ntac bihindur kimw gusa mumeny ko inkona itaruzwa kandi ko yaray igihugu cos ahubw ndabahanur ni baz muband hakibona

  • jew nagir mbaz teach uko kuntu avuz ko ari abari bateguy umwiyerekano bandits kumazu wobimenya gut. noneho abarund turabimenyerey yuko hari uwo mudahuza usanze hari icononekay hakubaza uca uvuga ko ari wamukeba waw nicogituma utovuga ngo ni babandi bategura imyiyerekano ntib

  • jew nagir mbaz teach uko kuntu avuz ko ari abari bateguy umwiyerekano bandits kumazu wobimenya gut. noneho abarund turabimenyerey yuko hari uwo mudahuza usanze hari icononekay hakubaza uca uvuga ko ari wamukeba waw nicogituma utovuga ngo ni babandi bategura imyiyerekano ntib

  • @kamenge
    uranyishe kweli,reka duhebe tuze turatwenga,ko imyiyerekano bayirangirije ku mazu,maze!!!bari baramenyereye ko bahenda abanyagihugu na za RPA ubu baratahuye ko ari abatutsi babateranya batumare dusigare twifumbereje,ibaze dolofu,bunyoni,perezida ,ndakugarika abo bose bashaka tubabahe babice dusigare twifumbereje,burya barinenuka kabisa,erega hari ico utarabona bashaka twebwe nyene abahutu abe ari twe tubabashira aba generaux bacu ,akagayo ntikarahera harageze ko tukiyamiriza,abo banyagihugu barahendwa nukuza murabakebura,nimba babashaka nibaje kubifatira twebwe abahutu ntidushobora gukora ivyobajana i la haye,nibagwe hiyo!!!Ngirango abahutu baje gusanganira bob ko batari bazi kwari rwuba rwa bigata,ntibazongera mpaka léonce,onésime n’aba vitali bagiye imberre,hihihiiiiiiiiii!!!!turaramvye!!!

  • ABO BANTU BANDIKA IVYO N’IMBURAKAZI UWO MUKENYURO, NI NILE AHUMBWO BATAY’UMUTWE NTIHAZOBURA ABIYAHURA AHO BUKERA NIBABE BARAGURA IBIZIRIKO

  • Ivyo mwandika vyose mumenye k tutibagiye ivyo mwakoreye NDADAYE NABANDI BAHUTU BITWA K BABONA KURE MUKAGANDAGURA MUKICA UB RER MUGOMBA GUSUSUBIRA KUGANDAGURA NKURUNZIZA ADO BUNYONI ICOMWOMENYA TWAMAZ KUBONA KOMUFISE UMUGAMBI WOGUHONYA ABAHUTU MUHEREYE KUMUTWE NKUKO MWAMYE MUBIKORA KUVAKERA MUCIYE KUBAHUTU BASUMIRINADA BIBAGIRA NINGOGA NK RWASA Onesime Nabandi Banda zamutaye ariko icomwomenya co ub turiko turambona ibintu vyishi vyinyegeje inyuma yikiringo 3 nurwitwazo rwokugira muronke ukuntu mutangura ihonya BAHUTU Nico gituma nkanguriye abahutu bose gushigikira abahutu benewabu Mbea komwiruka kuri Nkurunziza BUYOYE Koyatwaye imyaka mishi biciye mubwicanyi komutamurwanije,Mutamutuka mwabonye abahutu bokwifatira mugahanga arik muraza bukebuke kuko twamaze kubona ikirinyuma yivyo mwipfuza.Azobatwara kandi uyushaka yomoke.nimuhiganwe muciye mumatora azotorwa nuyushaka uyutamushaka ntazomutora hanyma mutsinde mushikire ubwo butegetsi biciye mubanyagihugu.

  • Nimba ntariko ndihenda, kuva mumwaka w’ibihumbi bibiri n’agatanu abahutu ba CNDD-FDD bashitse kubutegetse, abahutu bagenzi babo ba ba FNL, bagumye bagandagurwa bunyamaswa abandi barangajwe abandi buzuye mumpimba, none ivyovyo vyose vyakwagiriwza nde, ko mbona biriko biba kuntwaro Ya DD, iyi nzara iriko iraica abanyagihugu, ubukeme bw’igitoro mugihugu , kandi kwisoko mpuzamakungu cisesa, twovyagirizandi, ahumbo CNDD FDD yarikwiye gusaba ikigongwe abarundi bose hama igakinjura kuko vyarayinaniye. Gushikaho mushaka no kugandagura abo mwafatanije uruganba mwararanye mwishamba, n’umwana akivuga urwo rubanza yoruca, ariko, amaraso arahuma impera nimperuka abayakoze azobagiriza kandi aho mwagejej mukwirukana abandi niho muzogera namwe.

  • @nduwimana mick
    Aaaah,niwirambire !!Nibazako abanyagihugu bamaze kuba benshi batanguye kubitahura kuko nico gikuru,abo nyene wumva bavugirizwako induru nayo ma radio y’abatutsi ,nukuraba icinyegeje inyuma,eh mama ngo bubatse amazu ,bo ntibubatse muyo batwiba bakayatwaka no ku nguvu,ishari ryabo ntibashaka kubona iciza kija ku muhutu kandi si ku muhutu gusa ni ubwoko imana yaremanye ishari ryinshi meme entre eux ntukangwe nico kimwe,abo ba generau bacu nyabuna nukubakunda tukabacungira imiryango yabo kuko abana babo par chance bazoba nka ba se kandi abacu bazobakenera,nukubakingira ivyo bihutu vyahimvye ntacoyimena ntibiduhekure ,canecane ivyo bivuga ayamuhe,abo ba fnl muvuga bishwe ni abatutsi babishe kugira baronke ico baririmba kuri RPA bateranye abahutu

  • Vyukuri ntibibaze abategetsi biburundi kw;uwiteka asinziriye kuvyo bariko barakora.ubu nabarundi nabarundikazi barimwibarabara bahunga ivyovyose ntanakimwe barikubona.abantu babangamirwe nubukene ninzara numutekano muke bitey isoni hibgonukuvira hasitwese tukiyamiriza iyontwaro yagacinyizo kuko ntahobitandukaniye nintwaro yabazungu.abarundi mukomere kurugamba nyagasani arkumwe nuburu knd numuririmvyi yaravuze ko atariko bizohora knd bakwiye kumenya ko ubgatsi busha bukabisa ubundi.

  • @ndayongeje
    Ubaza ibibazo vyinshi ntawokwishura nimba uri umurundi nawe niwiyishure,uracari kure umuntu yoba ariko arata umwanya agusigurira ivyo abandi batahuye!

  • Ewe Kamenge uracari muri 1993 ubu turi muri 2015 so rero abantu nkabamwebwe nimwe mutuma democracie idashinga imizi kuko ikibazo abarundi bafise ubu sicubwoko wapi shira amaso imbere urabe. niyo utabonye ubaze abize neza badahitira

  • Nivyiza Ko Igihugu Cuburundi Kitosubira Muntambara Kuko Twarayihaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.