IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga: Grenade n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe n’igipolisi

Musaga: Grenade n’ibindi bikoresho vya gisirikare vyafashwe n’igipolisi

mardi 18 Myandagaro 2015

Ama grenade atandatu,ibikono vy’amasase n’ibindi bikoresho vya gisirikare,nivyo vyafashwe n’igipolisi muri komine ya Musaga iri mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura,mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 18 Myandagaro 2015.

Ibindi vyafashwe n’igipolisi ni amasase atari mu bikono vyayo arenga amajana abiri,igisasu kimwe ca Rokete,imyambaro itanu y’igisirikare,inkofero zitanu z’igisirikare hamwe n’imyambaro ibiri y’ibirato vy’igisirikare.

Ico gikorwa co gusaka cabereye kw’ibarabara rya kabiri rija mu Gasekebuye,hafi yahatewe grenade yakomerekeje abantu umunani harimwo abapolisi 2,ku mugoroba wo kuwa mbere igenekerezo rya 17 Myandagaro 2015.

Mwomenya ko igikorwa co gusaka cabaye kandi muri komine ya Ngagara.


Van Naris Mugisha

Messages

  • Abafatanywe ibyo bikoresho mubahondagure mubamishemo urusoro babere abandi urugero.

  • nakamuna wawundi ngomucezo wandani!! birahaye biraza mumis iheze ngwimbonerakure ngobazihayibigwanisho emama kiriba ondesi barukoti emama 3eme manda ubu mugeze gufatinkoho mwabatutsimwe twarabahinyuye,ivyobigwanisho bafashe uwiyita farcon yotubaririmbonerakure imwe bagifatanye twarabahinyuye

  • Uwonogirinama yokwepa uwomurwi wabariko barakora politike yogutera grenandes nokwica bakorisheje ivyumavyarivyovyose nivyobihugu vyarutura mwibaza ngobirabashigikiye bigirabiracoca igititu reta ngwiganire nabobatavugarumwe mwebwe mukaca mukazanya kwica abakurunabato abategetsi nabatari abategetsi mumisi ibirimwobiregeranwa vyerekana urukurikirane rwabategura iterwa ryayama granade nibindibikoresho bikoreshwa mukwica abantu muzosigaramwicuza muvugati iyotwamenya twarikubandanya politike yamajambo tukareka ivyokwica umuntuwariwewese.

  • Izontumva Mufatana Ivyo Bamuca Mubaca Amaguru Kuko Nabonye Barishe Abandi?Ahohose Bagize Imigumuko Muzogume Muhasaka Kuko Barabifise.Mbega Izontumva Ziravye Abovyananiye Ino Iwacu Mukayanza,nibo Bazobishobora,nibacire Birarura.Fidelite Ndagusavye Umfashe Kubabwira. Erega Ntibumva Nyimba Amatwi Yabo Arimusi Yibirenge Sijuwi,

  • Emwe ndashizwe?bwabuce bavuga bwibujumbura ubundabwemey.ahubwonibabukorereko

  • Bandanya Musaka Kugira Igihugu Cacu Ntigisubire Mundyane

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.