IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Musaga yazindutse ikikujwe n’abaporisi isinzi

Musaga yazindutse ikikujwe n’abaporisi isinzi

mercredi 24 Ruheshi 2015

Ku va igihe c’isaha y’icenda z’ijoro, abaporisi bariko baragerageza kwinjira muri komine ya Musaga gusaka abahaba ibirwanisho.

Ku va ico gihe, amasasu menshi, amagrenade bikaba vyumvikanye muri ako gace, igihe abaporisi bariko bashaka kwinjira baciye kw’ibarabara rya mbere n’iryakabiri aho muri iyo komine. Ariko ababa muri iyo komine, bakaba baciye bakubita induru ku munwa, bavuza amafirimbi, amasafuriye, amabido, ivyuma, eka, ikinru cose cashobora gushikana ijwi kure. Iyo komine yaranzwemwo imyiyerekano ikomeye yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, ndetse muri ico gihe c’imyiyerekano, abaporisi bakaba batashobora kwinjira muri iyo komine vyoroshe, kuko abanyagihugu bo ku Musaga bagiriza abaporisi ko bahaje, bagenda babarashe, bamwe bakitaba Imana.

Ku Musaga rero bakaba bazindutse bakikujwe n’abaporisi isinzi, mu gihe muri komine ya Ngagara naho, abaho bariko biyamiriza ikiringo ca gatatu c’umkuru w’igihugu, ariko abamwiyamiriza bakaba bari muri quartier ya gatatu, eka n’uruja n’uruza rw’imiduga rukaba rutari rworoshe cane cane ku miduga yaja muri komine ya Cibitoke.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.