IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura - Cibitoke : Abantu babiri bapfuye abandi 12 barakomereka

Mutakura - Cibitoke : Abantu babiri bapfuye abandi 12 barakomereka

mardi 27 Gitugutu 2015, par egide

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abantu babiri aribo bitavye Imana mu masasu n’amagerenade vyumvikanye umunsi wose kuri uwu wa mbere muri karitiye ya Cibitoke na Mutakura, kuva mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Abakomeretse bose hamwe baharurwa muri 12.

Abo banyagihugu babiri bapfiriye kw’ibarabara ry’umunani rya Cibitoke hafi y’umusigiti, umwe yahitanwe na gerenade yatewe n’abantu bataramenyekana, uwundi akaba yarashwe n’abajejwe umutekano, mu gihe yariko arabakurikirana yitwaje imbugita.

Ku ruhande rw’abakomeretse, mu Cibitoke ni abaporisi indwi, batatu muribo barakomeretse cane ubu bakaba bariko bavurirwa mu bitaro vy’abasirikare mu Kamenge, hamwe n’abasirikare babiri bakomerekejwe na gerenade.
Amakuru atangwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ku Mutakura, abanyagihugu batatu aribo bakomerekejwe na gerenade.

JPEG - 85.9 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Intango ya vyose

Hagati y’ibarabara ry’indwi n’iry’umunani muri zone ya Cibitoke, nk’igihe c’isaha zitanu z’umurango, haje umuntu aba mu Ngagara bivugwa ko adakomeye neza mu mutwe. Yari afise ikibugita kirekire, aca yugaza umusigiti wo mu Cibitoke kw’ibarabara ry’umunani. Abaporisi n’abasirikare baragerageje kumwaka iyo mbugita biranka, barasa amasasu menshi hejuru, ariko ntiyava aho ku bwinjiriro bw’umusigiti. Abaporisi bararashe kandi n’ivyuka bikoroza amosozi, ariko ntaco vyamugira.
Abajejwe umutekano baciye baguma ngaho bacunganye nawe, ibarabara bita irya Kanyoni ntiryaba rikirengana.

Nk’igihe c’isaha indwi z’umurango, urwamo rw’amagerenade abiri atewe rwarumvikanye, haca hakurikira amasasu menshi yarashwe mu mpande zose, abari bashengereye uwo muntu barashwiragira. Ayo masasu n’amagerenade vyarabandanije gushika mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, uwo muntu nawe akaba ari mubahitanwe n’ayo masasu.

Karitiye ya Mutakura nayo nyene yahavuye ishikirwa, humvikanayo amasasu menshi n’amagerenade, amabarabara yompi arugarwa, iryo ku Mutakura bita irya Muzinda hamwe n’iryo mu Cibitoke bita irya Kanyoni.


IGIHE

Messages

  • nimumarane NKURUNZIZA PIERRE abaraba yiraramiye ariwe yabacyanyemo umucyanwa.arigaramiye na denise wiwe mwe mwicyana ngo murarwanira manda ya 3

  • nimumarane NKURUNZIZA PIERRE abaraba yiraramiye ariwe yabacyanyemo umucyanwa.arigaramiye na denise wiwe mwe mwicyana ngo murarwanira manda ya 3

  • Emwe mwabatutsimwe murapfa nabi aho mugerageza gutembagaza ubutegetsi mwibazango nkuru muzomutsinda huuum! muribesha

  • PEREZIDANARABE KO UBUZIMABWABANTU BUTOGUMABUPFA KUBWIWE

  • UBWO NI BWABUHINGA BUNYONI YAVUGA KO AZOKORESHA MUKWAKA IBIGWANISHO?NAWUKARE AZOWOTA.

  • Kazima Magufuli wa Tanzania yatsinze, nayo izinjavyi tuzifitiye igihegikwiye cokuzihasha.

  • Nikuz turihangan kwabagizi banabibabay beshi nugusenga.

  • Magufuri ni so wa mbwa we?

  • Ikisigehe ca Ntibantunganya ahoyari prezida abantu baba Cshaunje Shecker bahabwa ibikorwa cogukora amabi noneho ngovyitweko Ntibantunganya arumukuru wigihugu adashoboye, maze Buyoya yasimbira kuntebe yumukuru wigihugu baba shanje fake bakacabigirintungane bikacavyitwako igihugu gishobiye gutwarwa na Buyoya. Uburero nimwumva kw’Isi bavugabihenda namwebwe muzobamurimwo kuko dufise uburyo bwokubarwanya burenga mirongo 40 ubuturacakoresha ubwambere gusa ntituraninjira nomubwakabiri, imyakanayotwihaye yokubahasha mugihemuzobamutisubiyeko irengeye iyomusigaje kwy’Isi.

  • ivyo,birimwobigiringarukakumunyagihugu,jeweciyumviro,ivyobintu,nibarabe,bagirirabiherenahubundinibihombagusubizigihugumukaga,ubukenebwigirendansemugihugu,nonenibakoribishoboka,twigumiremumahoro.

  • ivyo,birimwobigiringarukakumunyagihugu,jeweciyumviro,ivyobintu,nibarabe,bagirirabiherenahubundinibihombagusubizigihugumukaga,ubukenebwigirendansemugihugu,nonenibakoribishoboka,twigumiremumahoro.

  • Uburundi ooooyeeee,abasi babwo hunga!!abasi b’Uburundi iyahure!!abacangero hungira murwanda!!abagwaye ihahamuka ryo kubura ubutegetsi bwo mumanyanga hungira mububirigi!! Abarundi buzuye teramira igihugu!!abansi bazozanana inzira imwe batera,bazosubirana inzira igihumbi bahunga.inyishu niyayindi mvuga,amahoro kugira asesekare mugihugu,nuko umuntu wese yubaha uburongozi buriho!!kuberako ivyari imagera vyarageruye!!batutsi emera mutwagwe,kuberako akahise gategura kazoza!!ibindi vyose murimwo niyamikino yakera mukibaza ko harico izobamarira!!abo mwashize imbere baba Hutu ngo babashigikire muruwo mukino nabo vyarabacanze nka Yuda.Imana irahindura ibihe.icishize hejuru cose kiramanurwa gushika hasi.ikintu cose mumwanya waco,giramaso yokubona ibihe tugezemwo,nayabandi muzoba mumbwira.nimwikubite agashi imigere imitwe namajido,muve ibuzimu muje ibintu,vyarahindutse.

  • none abobantu ntibamenyekanye bakoze iryobara

  • Banyabujumbura bubanza na cibitoke na kayanza twarabonye amabiyintambara ninayompamvu uzohirahira wese urwembe nidwarundi ndwimudwi namwe nimwirwanire

  • nukuri tugiye gupfa twese uyumugabo atahavuye tuzosigara kumushasti gusa ahubwo nibamuhubuhiri apfego yaradukweye

  • nukuri tugiye gupfa twese uyumugabo atahavuye tuzosigara kumushasti gusa ahubwo nibamuhubuhiri apfego yaradukweye

  • nukuri tugiye gupfa twese uyumugabo atahavuye tuzosigara kumushasti gusa ahubwo nibamuhubuhiri apfego yaradukwegeye

  • Iyo politique ni hatari ariko mukorere AMAHORO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.