IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vyatowe n’igipolisi

Mutakura: Inkoho n’ibindi bikoresho vyatowe n’igipolisi

jeudi 24 Nyakanga 2015

Inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashinkov,grenade n’inkoho itara amabombe rokete ,hamwe n’ibindi bikoresho vya gisirikare,nivyo vyatowe muri quartier ya Mutakura iri muri zone cibitoke,mu gikorwa co gusaka ibirwanisho cabaye mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 24 Nyakanga 2015.

OPP 1 Domitien Niyonkuru arongoye igipolisi mu gisagara ca Bujumbura avuga ko ivyo birwanisho vyatowe kubera ubucuti hagati y’abapolisi n’abanyagihugu bamaze gutahura ko ubwicanyi buba kubera ibirwanisho biri mu banyagihugu ata nyungu bizanira igihugu.

Kubwa Domitien Niyonkuru,hejuru y’inkoho n’amagrenade hatowe kandi amasase arenga amajana ane,ibirato,icuma co kuraba kure gikoreshwa n’abajejwe umutekano,n’ibindi vyuma bigize inkoho.

Umukuru w’igipolisi mu gisagara ca Bujumbura amenyesha ko muri ico gikorwa co gusaka hari abanyagihugu batatu bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza,


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.