IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mutakura : Remy NKENGURUTSE yagandaguwe arashwe n’umuporisi

Mutakura : Remy NKENGURUTSE yagandaguwe arashwe n’umuporisi

mercredi 7 Gitugutu 2015, par egide

Amasasu menshi n’amagerenade vyarumvikanye ku Mutakura no mu Cibitoke ku muhingamo wo kuri uwu wa kabiri. Umunyagihugu wo mu Cibitoke azwi kw’izina Remy NKENGURUTSE yaragandaguwe, ababibonye bakavuga ko yarashwe n’umuporisi mu gihe yariko arataha.

Umuhingamo wo kuri uwu wa kabiri ku Mutakura no mu Cibitoke waranzwe n’urwamo rw’amasasu menshi n’amagerenade. Abanyagihugu batekewe n’ubwoba baca binyegeza mu mazu yabo, abatari bwatahe baguma iyo bari, kuko ibarabara bita irya MUZINDA ryaciye ryugarwa nko gushika isaha imwe y’ijoro.

Muvyononekaye muri ayo masasu, ibimaze kumenyekana ni umunyagihugu azwi kw’izina rya Remy NKENGURUTSE, umunyeshure w’imyaka 29 y’amavuka, yahora aba mu Cibitoke kw’ibarabara ry’umunani inomero 86, yagandaguwe. Ikiziga ciwe catowe muri karitiye y’icenda mu Ngagara, imbere y’aho benshi bita kwa Komine, ababibonye bakavuga ko yarashwe n’umuporisi mu gihe yariko arataha.

JPEG - 13.7 ko
Remy NKENGURUTSE

Remy NKENGURUTSE yahora ari umunyeshure kuri Kaminuza yitiriwe ibiyaga binini (Université des Grands-Lacs) mu mwaka wa gatatu, akaba yavuka mu Bisoro mu ntara ya Mwaro.

Remy NKENGURUTSE akaba yari mu rwaruka rwiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • MANAIBUKAAFRIKAYOHAGATITULARUSHE.

  • Inka Muguhona Zihera Mu Ruhongore. Gelase Ndabirabe Ivyo Yabinezerewe Cane. Turetse Ivyo Aherutse Gushikiriza, Yarigeze Kuvuga Ko Umuntu Wese Adashigikiye Ikiringo Cagatatu Ari Ukwicwa. Ariko Aribesha. Ntabo Muzoamara. Abatemera Icokiringo Ni Beeeenshi Cane.Kiretse Mwishe Abarundi Bose. Ba Mugabo N’ Iryo Nibobake Ariko Mwebwe Ndazi Ko Atavyo Muzi.

  • Bizagume aho kumutakura nyene ni sawa!

  • Aho,nisawa cane cane amahoro asasagare abasi bariko bagenda bagabanuka bigaragarako arinawe yahora atera yama grenade aho nyene ubu kumbure twizereko agahengwe kaja kuboneka

  • Iyinkuru yanditse nabicane uwakubwiye ukovyagenze ukacawandika arateye isoni!!!

  • NKURUNZIZA reka kwica aba manifestants kuko manifestations zaraheze! Uribwira ngo nzobica nka kumwe kwo mu 2010 nica aba FNL! Amase ya kera ntagihoma urutaro ndakurahiye! Cira birarura ubwicanyi ntaco buzogushikanako kizima. Geza aho amaraso arahuma , erega uriko ukwega umuvumo ku gihugu no ku muryango wawe!

  • ntasoni ga ! nah washats kottokumeny niwapfa tzorusha aho naw bisamirane

  • YEMWE BARUNDI NIMUGARUKIRE .IMANA MUHEBE KWICANA

  • mwibagiye no kuvuga yuko ejo nyene mwayo masaha umupolisi yanyurujwe akicwa bunyamaswa, ntimwaba mwiteze rero yuko bazoza bica abapolisi nabo bakarera amaboko murihenda cane, jewe nibazako abo basore bokumutakura bagaburiwe umuti wokwiheba batabizi kunyungu zabana ba CNARED na sindumuja jewe nari niteze yuko bombwirako umwana wa nyangoma canke wa pacifique ariwe yoba yapfiriye aho kumutakura none nuwo murasita w’i mwaro atagira cepfo caruguru ngoyiga université y’iburundi abandi biga université zo mububiligi, ndahojeje umuvyeyi wiwe.

  • Abo batutsi bo ku mutakura n’ayandi ma quartiers contestataires y’abatutsi,mumenyeko tutari muri 93,muhebe gusomborotsa abahutu,ubu twarize kutabatinya,reka kwica aba jeunes bacu si non muzovyishura,

  • Yooo!!! Ntaco bimaze kwihorana. Ahubwo ni mwubake Igohugu erega ni icacu. Abakiri bato nimireke kwicwa bunyamaswa kuko ni mwe Burundi bw’ejo. Abandi baniganira kugira itera mbere!! Namwe ni ukwicana gusa!!! Miteye isoni!!! Police hagarika kuja mu ma quartiers. Muronderayo iki??? Mbe abo bana ko mubamaze muzosubirirwa na bande??? Imana irabibona ivyo mukora vyose. Erega aho muriko mukuraho iterambere. Amaraso arakurikira. Muzomera nka Kayini. Abo muzohura bose bazobavuma. Canke murware mu mutwe nka Peter. Reka Imana ihindure ivyoyumviro vyanyu kuko biteye isoni. Ntimuzi ikinjana tugezemwo!!!!

  • Remy Imbana Nimwakire Mubwami Bwayo !!! Mana Garukira Uburundi! Non Abo Ba Dd Bazoruhuka Bamaze Abo Bitavuga Rumwe? Tabara Mana Abarundi!!!

  • Mbe,banyakubahwa Bahutu,Batutsi namwe Batwa.Kuki aho mwicaye hose mwitana ibikoko!?Ibuka ko mwese mwaremwe n’Imana imwe,kuki wipfuza k uwo wita mudasangiy ubwok akwiy gupfa ww ukabaho?Mbe ww ntuzopfa?Ibuka twes inzira nimwe.Ntawuzorusimba.Kor ivyiza kuri bose uzobisang imbere

  • Mugabo ngo yari yikoreye ama grenade . Police yakoze akazi kayo kuko yari kwiha inkumbi

  • NTAKUNDI TURAHOJEJE UMURYANGO WUWABUZE! UMUHISINAWE; IMAN’IMUZIGAME.

  • @ Fidelite

    Wewe wiyita Fidelite n’abandi bafise ivyiyumviro bicuramye nkivyo, nimutahure ko mutari abavugizi bacu (Abahutu). Wibuke ko abagwanya Nkurunziza, haba muba politicien canke abanyagihugu, benshi ni twebwe abahutu nyene. Turabasavye rero mureke kutugira ibiraro vyanyu, muvugire ako kagwi k’imihimbiri nkawe gusa. Uwubandanya kuzana ivy’amacakubiri, ntabikora kuko akunda ubwoko bwiwe. Abikora kuko ashaka abamufasha gukingira inda yiwe. JIJUKA ubu turi 2015

  •  @Okay
    Uri ikirofa,urazi aho waririmbiye la meme chose,namwe ko mumugwanya ko yabananiye?Abahutu bamugwanya ni ukubavugutira umuti nta kigongwe kuko no kuba ibiraro ntavyo mushoboye,rero vous ne servez àrien,

  • Izo nkoramaraso z’abatutsi ziyita (Sindimuja). Ngo zishaka kurangiza umugambi base batarangije muri 72-93. Gusa ziribeshya police izajya izikanda imwe imwe.

  • ayo maraso mumena azobahumira mwese.uwariwe wese yaba umuhutu,umututsi cank umutwa Imana Izomucira Urubanza Rukwiranye N’ivyo Yakoze Ni Musome Biblia Kuko Ariwo Muco Ukwiye Kutuyobora.Umusiguzi12:13-14 canke Matayo 12:36-37.Amajambo Muvuga Muzoze Mubanza Muyiyumvire Mbere Yo Kuyavuga Canke Kuyandika

  • Imisi Yos Hamahaz Abantu Bigra Agahambaye.Non Kwapfuy Abamuhenz Ngwagumuk,haricobazoh Umuryango?Barabasuts.Abagwany Umugambi W Imana Bazohera Nkifu Yimijira.

  • @maso
    ico nico waronse ubwira abo baza baratera bongera barasa abapolisi bacu?Nuko uhimvye sha,jewe ndazi ko twobamara,abahutu ntimwari mwaratumaze?Mutegerezwa kumenyako minorite mutazongera gutegeka majorite i burundi,majorite niyo yinjiza,namwe mushaka kwigungirako ivyo mutakoreye,ntituzemera ko mwikoza utwo abayahudi basigaye bikoza mw’isi ,kubera amanyanga na magouilles barifatiye abantu,co kimwe no mu rwanda,twebwe iburundi turavyanse.

  • mukwiye kuruhuka kuko mwese muruhishijwe n’ubusa, nta bwoko buramara ubundi reka kwitera umuvumo ntibikenewe.

  • Vyose bizohera, ntidukwiye kurwanira ivy’isi kuko tuzobisiga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.