IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Ibisata nka vyose vyifashe neza muri rusangi

Muyinga : Ibisata nka vyose vyifashe neza muri rusangi

mardi 16 Mukakaro 2013

Mu cegeranyo cashizwe ahabona na Buramatari w’intara ya Muyinga mu vyaranguwe mu ntara arongoye, yamenyesheje ko mu bisata nka vyose ibintu bimeze neza, haba mu bisata vy’agateka ka zina muntu n’imibano, intwaro ibereye, umutekano, n’iterambere.

Mu gisata c’ubutungane, Ildefonse Ntawunkunda buramatari w’intara ya Muyinga yamenyesheje ko muri aya mezi atandatu aheze, imanza 53 z’uguhohotera agateka ka zinamuntu zashizwe imbere y’abacamanza, 50 zaraburanishijwe, ndetse imanza ziracibwa. Ikindi kandi amenyesha ni ukwo abapfunzwe ubu bagabanutse mw’ibohero ryo mu ntara ya Muyinga.

Mu gisata c’iterambere n’ukurwanya ubukene, Ildefonse Ntawunkunda buramatari w’intara ya Muyinga avuga ko mu makomine indwi agize iyo ntara, amashure agera kw’170 yubatswe, nayo amashure matomato 26 mashasha akaba yarubatswe muri aya mezi atandatu aheze. Ayo mashure rero yubatswe mu mugambi wa Leta wo kurwanya ubujuju mu gihu. Ikindi kandi avuga ni ibirwati bine vyubatswe mu makomine ane, mu ntumbero yo gufasha abanyagihugu kuva mu vyaro, bakaja mu birwati.

Mu gisata c’umutekano, avuga ko umutekano wifashe neza. Iyo ntara rero ihana urubibe n’ibihugu vy’Urwanda na Tanzaniya, buramatari avuga ko umutekano ukomezwa rwose ku mbibe, mu ntumbero yo gutuza uturwi twohava twiyadukiza ngo tudurumbanye iyo natara, na cane cane uturwi tw’abasuma usanga twiba tugaca duhungira muri ivyo bihugu bibanyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.