IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga:Inkoho zirenga 30 zafashwe n’igipolisi

Muyinga:Inkoho zirenga 30 zafashwe n’igipolisi

lundi 13 Mukakaro 2015

Kuw’Imana igenekerezo rya 12 Mukakaro,inkoho zirenga 30 zo mu bwoko bwa Kalashinkov zarafatiwe mu ntara ya Muyinga,komine Giteranyi n’igipolisi.

Inkoho zishika 20 zafatiwe ku mutumba wa Kijumbura zitekewe mu mbuto z’ibijumbu.Amakuru ava aho i Muyinga amenyesha ko zafatiwe mu rugo rw’umwe mu banywanyi b’urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi.

Izindi nkoho 10 zirikumwe n’ibikono 39 bitarimwo amasasu zafatiwe ku mutumba wa Nonwe muri komine ya Giteranyi nyene.Uwo zafatanywe yarafashwe,yagirizwa kuzijana mu shamba rya Ruvubu.

Abantu 31 bose abanywanyi b’urunani rw’abigenga amizero y’abarundi barhagaritswe n’igipolisi n’igendereza ku mvo z’amatohoza.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.