IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Muyinga : Umutwa yari yaburiwe irengero yatowe ikiziga

Muyinga : Umutwa yari yaburiwe irengero yatowe ikiziga

jeudi 26 Rusama 2016, par egide

Ikiziga c’umuntu catowe kuri uwu wa gatatu ku musozi Rutoke, komine Muyinga, mu ntara ya Muyinga.

Uwo yatowe ikiziga ni umusore akiri muto wo mu bwoko bw’abatwa yari amaze indwi imwe yaburiwe irengero. Abandi banyagihugu bo mu bwoko bw’abatwa ku musozi Rutoke, bakibona ico kiziga baratwawe n’agashavu, bakaba bagirije ababanyi babo bo mu bwoko bw’abahutu, ko aribo bari inyuma y’iyicwa ry’uwo muntu, bakaba mbere bari banse n’uko ajanwa gushingurwa.

Abajejwe intwaro baragerageje kwumvikanisha abo banyagihugu, babemerera ko amatohoza azokorwa kugira icishe uwo musore kimenyekane.

Ico kiziga kibaye ica gatatu gitowe mu ntara ya Muyinga, mu kiringo c’indwi imwe, inyuma y’ibindi biziga bibiri vyatowe muma komine ya Butihinda na Muyinga.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.