IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro : Umudandaza yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho

Mwaro : Umudandaza yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho

lundi 27 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Abagizi ba nabi bitwaje ibirwanisho bataramenyekana bateye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana rishira uwa mbere ku rugo rw’umudandaza azwi kw’izina rya Calixte MANIRAMBONA, muri komine Rusaka intara ya Mwaro. Abo bantu basize barashe uwo mudandaza, akaba yaciye yitaba Imana.

Amakuru atangwa n’igiporisi mu ntara ya Mwaro avuga ko abo bantu ataco bagiye bivye, kuko ababanyi baciye batabara.

Abo bantu bitwaje ibirwanisho barateye kandi uwundi muhana muri iryo joro nyene, aho bakomerekeje umupfasoni azwi kw’izina rya Florence NIMBONA, akaba yarashwe amasasu menshi mu maguru.

Barakomerekeje kandi uwitwa Leonard IRAMBONA. Abo bompi bakaba bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vyo mw’i Jenda.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.