IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Mwaro : Umukenyezi yishwe azibuwe imbugita n’umugabo wiwe

Mwaro : Umukenyezi yishwe azibuwe imbugita n’umugabo wiwe

mardi 15 Ndamukiza 2014

Mu ntara ya Mwaro, umugabo yishe umugore wiwe amacumise imbugita, aho yamwagirije kuba yararenze ibigo, avyara umwana atari rwiwe.

Uwo mukenyezi w’imyaka ishika mirongo ine wo ku musozi wa Kiyange muri komine ya Gisozi yagandaguwe bunyamaswa n’umugabo wiwe, bikavugwa ko ico kibazo c’uko umugore wiwe yavyaye hanze cari cabatumye babana nabi.
Uwo mugabo ahejeje gukora iryo bara, nawe yaciye ahitamwo kwiyahura yihaye isumu, ariko iryo sumu rikaba ataco ryamugize. Ubu akaba arwariye kw’ivuriro rya Nyakararo aho muri iyo komine nyene ya Gisozi. Acunzwe n’abaporisi, mu kurindira ko atora mitende kugira ace ajanwa imbere y’ubutungane.

Tukabamenyesha ko muri iyo komine, uretse uwo mukenyezi yagandaguwe yagirizwa n’uwo bari bubakanye kuba yararenze ibigo avyara umwana hanze, hari ingorane z’amatongo n’izabagirizanya uburozi. Abanyagihugu bagasaba abajejwe intwaro n’umutekano, kuhagabira kuko ico kibazo c’abagirizanya uburozi n’abapfa amatongo gishobora kuba inkwezi y’akarambaraye.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.