Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Nairobi : Uwoba yari arongoye igitero muri Westgate yoba yatowe (...)
 Nairobi : Uwoba yari arongoye igitero muri Westgate yoba yatowe ikiziga
 Nairobi : Uwoba yari arongoye igitero muri Westgate yoba yatowe ikiziga
				
				jeudi 26 Nyakanga 2013
Samantha, wa mukenyezi w’umuzungu yakekwa ko ashobora kuba yariwe arongoye igitero c’abihevyi cabereye i Nairobi, ikiziga ciwe catowe hagati y’abandi bihevyi bapfuye. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’abasirikare bariko baragenzura iyo nyubakwa yadandarizwamwo, ari nayo yabereyemwo ico gitero.
Uwo mupfakazi w’umuzungu, nk’uko bamwita "veuve blanche", ava mu gihugu c’Ubwongereza akaba yitwa Samantha Lewthwait afise imyaka 29 n’abana babiri.
Umushingantahe wiwe yitwa Germaine Maurice Lindsay. Nawe yari mu bihevyi bakoze ibitero vyo kw’igenekerezo rya 7 Mukakaro umwaaka w’2005 mu gihugu c’Ubwongereza. Ico gitero kikaba cahitanye abantu 52 hamwe n’abandi 700 bakomeretse.
Mu makuru abandanya ava mu gihugu ca Kenya amenyesha ko abo bihevyi bateye boba bagize imbohe abantu bagera ku 137, ariko bivugwa ko boba bahavuye bapfira muri ivyo bitero. Twobibutsa ko ico gitero camaze iminsi itatu cahitanye abantu 62 hamwe n’abandi 200 bakomeretse, nk’uko ibiharuro vya nyuma babimenyesha.
Floxella Karire
